Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Zaburi 127:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Uhoraho iy’ atari we yubaka inzu Abayubaka baba baruhira ubusa. Uhoraho iy’ atari we azigama igisagara Umuteramyi abera maso ubusa.

Gade chapit la Kopi




Zaburi 127:1
35 Referans Kwoze  

Umutima w’umuntu wigerera inzira yiwe, Arik’ Uhoraho ni we atumbereza ibirenge vyiwe.


Nuk’ ūzitera nta co amaze, cank’ ūzivomera, atar’ Imana ikuza.


Iyaba Uhoraho atari we yari mu ruhande rwacu, N’abe ari kw Abisirayeli bavuga none;


Ewe Yerusalemu, nshize abashibamyi hejuru ku nzitiro zawe z’amabuye; nta ho bazocereza ku murango no mw ijoro; yemwe abibutsa Uhoraho ntimukaruhuke,


Nuko rero wirinde; kukw ari wewe Uhoraho yatoye kwubaka ingoro ngw imubere ahēra; nuko kovya, ukore.


Mushinge ibendera mwerekeye inzitiro z’i Babuloni, mugwize abashibamyi, mushireh’ abateramyi, mugere abaja kuhaca ibico: kuk’ Uhoraho yahagīriye imigabo, agashitsa ivyo yavuze ku baba i Babuloni.


Maze Dawidi abarira Salomo umuhungu wiwe, ati Shikama, ushire amanga, ubikore. Ntutinye, nturanduke umutima, kuk’ Uhoraho Imana, ari yo Mana yanje, azoba ari kumwe nawe; ntazoguhemukira, ntazoguta, gushitsa ah’ ibikorwa vyose bizokorwa kur’ iyo ngoro y’Uhoraho bizorangirira.


kand’ asangwa Kristo atāzutse, ivyo twigisha n’ivy’ ubusa, n’ukwizera kwanyu n’ukw’ ubusa.


Ndunamurira amaso yanje ku misozi: Ugutabarwa kwanje kuzova hehe?


Kuri wewe ni ho nunamurira amaso, Wewe uvyagiye mw ijuru.


Mu magorwa yanje natakambiye Uhoraho, Aranyishura.


Abizigiye Uhoraho bameze nk’umusozi Siyoni Udashobora kunyiganyizwa, ariko wama ushimangiye gushitsa ibihe bidashira.


Yubaka urusengero rwayo rwera rusumba impinga z’ imisozi, Ruguma nk’isi yahamangiye gushitsa ibihe vyose.


Abashibamyi biwe n’impumyi, bose nta co bazi; bose ni nk’imbga z’ibiyingiyingi, zitazi gukuga; bararavūta, bararyama, bakunda gusinzira.


Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’ abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’ abahanga kw atari bo batona; arikw ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.


Hamwe Uhoraho yagarukana ab’i Siyoni bāri bārambukanywe ar’ inyagano Twāri tumeze nk’abarota.


Naranezerewe hamwe bambgira, Bati Tugende tuje ku ngoro y’Uhoraho.


Jewe Uhoraho, ni jewe ndaruzigama; nzohora ndaruvomera akanya kose: nzoruzigama ku murango no mw ijoro, kugira ngo ntihagire ikirwona.


Kand’ umuhungu wanje Salomo umuhe kwitondera ivyagezwe vyawe n’ amabgirizwa yawe n’ivyo washinze, kugira ngw avyitondere n’ umutima wose, kand’ akore n’ivyo vyose, yubake n’iyo ngoro niteguye ivyayo.


Munteye akōba, yuko kumbure ivyo nabakoreye natamijwe n’ubusa.


Duhūra n’abashibamyi bagendura igisagara, Barankubita, barankomeretsa; Abarinzi b’inzitiro z’igisagara bankiza umwitwikiro wanje.


Duhūra n’abashibamyi bagendura igisagara: Ndababaza, nti Mbega mwabonye wa wundi umutima wanje ukunda?


Intabaza imwe izohūra n’iyindi, n’intumwa imwe ihūre n’iyindi, ngo bamenyeshe umwami w’i Babuloni yukw igisagara ciwe gitsinzwe impande zose:


Mana, uhe umwami uguca imanza kwawe, Uhe umwana w’umwami ukuroranya kwawe.


Ariko muze mwibuke Uhoraho Imana yanyu, kukw ari we azobaha ubutōre bgo kuronka ubutunzi, kugira ngw ashitse isezerano yasezeranye arahira ba sogokuruza banyu, nk’uko biri n’uyu musi.


Baja kubarira umwami w’i Yeriko, bat’ Erega kur’ uyu mugoroba haje abantu bo mu Bisirayeli, baje gutata igihugu.


Nuk’ Uhoraho aha Salomo ubgenge nk’uko yamusezeraniye, na we abana amahoro na Hiramu, basezerana isezerano ryo gufatanya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite