Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yuda 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ariko na Mikayeli, umumarayika mukuru, hamwe yatongana na wa Murwanizi, ahārīra na we bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumuhinyura ngw amucokore, ariko yamubgiye, at’ Uhoraho aguhane.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ariko na Mikayeli, Umumarayika mukuru, aho yariko araharira na Satani bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumutuka, ariko yavuze ati: “Uhoraho aguhane!”

Gade chapit la Kopi




Yuda 1:9
16 Referans Kwoze  

Umumarayika w’ Uhoraho abarira Satani, at’ Ewe Satani, Uhoraho aguhane: Uhoraho yirobanuriye Yerusalemu aguhane: mbeg’ uyo s’igishirīra cōkōwe mu muriro?


arikw abamarayika naho barusha abo bantu inkomezi n’ubushobozi, ntibarega abo banyacubahiro ku Mwami Imana, ntibabatuka.


Mw ijuru havyuka intambara. Mikayeli n’abamarayika biwe barwanya ca gisato: igisato kirwanana n’abamarayika baco.


Maz’ ico gihe Mikayeli azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubgoko bganyu; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, ukageza ico gihe. Arikw ico gihe umuntu wese wo mu bgoko bganyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka.


Uhoraho amuhamba mu mwonga wo mu gihugu c’i Mowabu, aharābana n’i Beti‐Peyori; ariko nta wuzi imva yiwe na bugingo n’ubu.


Ariko ndakubarira ivyanditswe mu gitabo c’ivy’ ukuri: kandi nta wuriho wo kuntabara kubarwanya atari Mikayeli umugabisha wanyu.


Ariko segaba w’ ubgami bg’i Buperesi yamaze imisi mirongwibiri n’umwe andwanya. Hanyuma Mikayeli, umwe wo mu bagabisha bahambaye, aza kuntabara; nsigarayo mu bami b’i Buperesi.


ntimugere ikibi ku kindi, cank’ igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha.


Kuk’ Umwami wacu ubgiwe azoza, amanutse avuye mw ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akāmo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’ abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka;


Abahahita baramucurīra, bazunguza imitwe, bati Yō, wewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu,


Ntihaze hagire ūrogota kuri jewe Imana, canke ngw avume umukuru wo mu bgoko bganyu.


Dawidi arasohoka, arabasanganira; arababarira, ati Namba muzanywe n’amahoro, muje kuntabara, umutima wanje uzomatana n’iyanyu; na ho namba muje kundaha, ngo mundangire abansi banje, kand’ ata kibi nakoze, Imana ya ba sogokuruza n’ibirābe, iducire urubanza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite