Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yuda 1:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 abandi mubakize, mubokore mu muriro: abandi mubagirire ikigongwe mutinya, mwanke n’impuzu itewe amarabaga n’umubiri.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Mukize abandi mubakure mu muriro w’urubanza. Mwerekane imbabazi ku bandi ariko zivanze no gutinya. Yamara mwirinde no gukora ku mpuzu zandujwe n’imibiri yabo yandujwe n’ivyipfuzo vyabo bibi.

Gade chapit la Kopi




Yuda 1:23
21 Referans Kwoze  

Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.


Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.


Arik’ ufise amazina makeya y’ab’ i Sarudi batanduje impuzu zabo; ni bo bazogendana nanje bambaye impuzu zera, kuko bibabereye.


ndakugīra inama, ungurekw izahabu yakūwekw inkamba n’umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n’impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubgambure bgawe ntizigaragare; kand’ ungureko n’umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka.


kugira ngo kumbure ntere ishari ab’i wacu, nkize bamwe muri bo.


Ni hagira umuntu atumvira ijambo ryacu ryo mur’ iki cete, mumwitegereze, ntimufatanye na we, kugira ngw amāramāre.


Kuko twese twahindutse nk’ibihumane, kand’ ukugororoka kwacu kwose kumeze nk’impuzu yanduye; twese dukabiranye nk’ikibabi, kand’ ibigabitanyo vyacu bidukubeba nk’ umuyaga.


Nasanganguye ibisagara bimwe vyanyu nko mu gihe jewe Imana nahenebereza Sodomu na Gomora, muba nk’ igishirīra cokowe mu muriro: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


Kand’ uwoyirāramwo az’ amesure impuzu ziwe; n’uwoyirīramwo na we amesure impuzu ziwe.


igikorwa c’umuntu ni casha, azobura ingero, yamara ubgiwe azokira, ariko nk’uwokowe mu muriro.


Badandabagirana mu nzira zaho nk’impumyi, bihumanishije amaraso, Bituma abantu batagishobora gukora ku myambaro yabo.


Kand’ umwambaro wose cank’ urusato rwose kirikw izo ntanga, kize kimesurwe, kize gikomeze kiba igihumanye gushitsa ku mugoroba.


Nuko kuko tuzi ingen’ ugutinya Umwami wacu kumeze, twemeza abantu, arikw Imana turayigaragarira: kandi rero nizigiye yuko tugaragarira n’imitima yanyu.


kuk’ ūzomuha ikāze azoba afatanije na we mu bikorwa vyiwe bibi.


Ababahāririza mubahanūre:


Aca mu nzira hafi y’inkokora y’inzu y’umugore ameze artyo, Anobanga mu nzira ija ku nzu yiwe;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite