Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yuda 1:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri Mpwemu Yera,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake mu kwizera kwanyu kwera cane kandi musengere muri Mpwemu Yera.

Gade chapit la Kopi




Yuda 1:20
28 Referans Kwoze  

musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.


Nuko ngire nte? Nzosengesha impwemu yanje, ariko kandi nzosengesha n’ubgenge: nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubgenge.


mushinze imizi muri we, mwubakwa muri we, mushikamishijwe n’ukwizera nk’uko mwigishijwe, murushiriza gushima.


Nuko muhanūrane, mukomezanye, nk’uko mubikora nyene.


Ni bite ga bene Data? Iyo mukoranye, umuntu wese aba afise indirimbo, cank’ amajambo yo kwigisha, cank’ amajambo ahishuriwe, cank’ ururimi rutamenyekana, cank’ amajambo yo kurusobanura. Vyose bikorwe kugira ngw abantu bakomezwe.


Kuko mutāhawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwāhawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data.


Kandi kuko mur’ abana bayo, Imana yatumye Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu, ataka, ati Abba, Data.


Ntihaze hagire ibiyāgo bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza ūkwiye kuribgirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bg’Imana.


Nukw ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirahangama: kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe na Mpwemu Yera, riragwira.


umubiri wiwe wose, uteranijwe neza, ufatanijwe n’ibifashisho vy’ingingo zawo zose, nk’ukw igihimba cose gikora ibango cagerewe, kuri we ni ho uronka gukura kwawo, ukubakwa mu rukundo.


kugira ngw abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’ Imana, bubake umubiri wa Kristo:


kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.


Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


Kukw icavyawe n’Imana cose kinesha isi; iyi ni yo ntsinzi yacu yatsinze isi, n’ukwizera kwacu.


Ntubona yuk’ ukwizera kwafatanije n’ibikorwa vyiwe, kandi k’ukwizera kwahīngūwe rwose n’ibikorwa?


Paulo, umugurano w’Imana, intumwa ya Yesu Kristo, mbihērewe kwizeza abo Imana yatoranije no kwigisha kumenya ivy’ ukuri gufatanije n’ukwubaha Imana;


Vyose turavyemererwa, arikw ibitugirira ikimazi si vyose. Vyose turavyemererwa, arikw ivyubaka si vyose.


Umuntu wese muri twebge anezereze mugenzi we, kugira ngw abone ivyiza, akomezwe.


ntiyashirah’ itandukaniro hagati yacu na bo, yogesheje imitima yabo ukwizera.


kuko nibutse ukwizera kutar’ ukw’ uburyarya kuri muri wewe, kwabanje kuba muri nyogokuru Lowisi no muri nyoko Ewunike: kandi ndazi ntakekeranya yuko kuri muri wewe nawe.


ntibababare ivy’ imigani y’ibinyoma n’ivyo kuzīrōra ivy’ akārōnda katagira iherezo, bidafasha igikorwa c’Imana gikorera mu kwizera, ariko bizana impāri.


Ni we azobakomeza gushitsa kw iherezo, kugira ngo ntimuze mugawe kuri wa musi w’Umwami wacu Yesu Kristo.


Namb’ umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’ umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo.


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’ intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu, muguheshejwe n’ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n’Umukiza.


Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite