Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yuda 1:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Abo ni bo bazana kwirema ibice; n’abantu gusa, ntibafise Mpwemu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Abantu nk’abo ni bo babacamwo ibice, bakurikira ivyipfuzo vyabo vy’ab’isi gusa, ntibagira Mpwemu.

Gade chapit la Kopi




Yuda 1:19
11 Referans Kwoze  

Arik’ umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w’Imana: kukw ar’ ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bg’impwemu.


Ariko mweho ntimuganzwa n’akameremere k’umubiri, ariko muganzwa n’impwemu, bisanzwe Mpwemu w’Imana aba muri mwebge. Arikw iy’ umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ar’ uwiwe.


Ubgo bgenge si bgo bgururuka buvuye mw ijuru, ariko n’ubg’ isi, n’ubg’ abantu, n’ubg’ abadayimoni.


twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko duhanūrane, kand’ uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo.


Igihe nabona Abisirayeli, bari bameze nk’inzabibu ziri mu bugaragwa; ba sogokuruza nababonye bameze nk’insukoni z’isega zo ku musukoni ugitangura kwama: ariko bāgiye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza, bahinduka umuziro nk’ico nyene bakunze.


Uwigungira ukwiwe aba arondera ivyo yiharije gusa, Kand’ arwanya inama nziza zose.


Sinzohana abakobga banyu ni bīgira ba maraya, cank’ abakazana banyu ni basambana; kukw abagabo ubgabo bīhererana n’abasambanyikazi, bagatanga ibimazi bafatanije na ba maraya; nuk’ ubgoko butagira ubgenge buzoheneberezwa.


Kuk’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga aba muri bo, yitandukanya nanje, agakimagiza ibigirwamana vyiwe mu mutima, agashira imbere yiwe igitsitaza kimutsinda mu bigabitanyo vyiwe, maz’ akaza k’ūvugishwa nanje ngw amunsigurize; jewe Uhoraho nzomwiyishurira ubganje:


Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza,


bakavuga, bati Hagarara ukwawe, ntunyegēre, kuko jewe nkurusha kuba uwejejwe. Ben’ abo bambera umwotsi wo mu mazuru, n’umuriro wīriza umusi waka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite