Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yuda 1:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ariko mweho, bakundwa, mwibuke amajambo yavuzwe kera n’intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ariko mweho bakundwa, mwibuke ivyo intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo zari zaravuze imbere y’igihe.

Gade chapit la Kopi




Yuda 1:17
8 Referans Kwoze  

kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abāvugishwa n’Imana bera, mwibuke n’icagezwe c’Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n’abatumwa bābatumweko:


Tweho tur’ abava ku Mana; ūzi Imana aratwumvira; ūtava ku Mana ntatwumvira. Ico ni co kitumenyesha impwemu y’ukuri n’impwemu izimiza.


Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha:


Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu butame nk’ubgo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y’Umwami Yesu, ingen’ ubgiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.


Ni mwibuke ivyagezwe vy’ umusavyi wanje Mose, amabgirizwa n’ivyashinzwe, ivyo namugereye i Horebu kuba ivyo kuganza Abisirayeli bose.


kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.


tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite