Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yuda 1:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Abo n’abidodomba n’abanyamwikomo bagenda bakurikira ukwifuza kwabo, akanwa kabo kavuga amagambo atumbaganyemw’ ukwirarira, bubahira abantu kubakūramw’ amaronko.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Abo bantu ni abanyamwikomo bama bidodombera abandi; bakurikira ivyipfuzo vyabo bibi; barishira hejuru kandi bakoresha amajambo meza babesha abandi mu kurondera inyungu.

Gade chapit la Kopi




Yuda 1:16
38 Referans Kwoze  

Bavuga ibitumbaganyemw’ ibitagira ico bimaze, basukasuka abariko baridohora mu bagenda bazimiye, babasukasukisha ukwifuza kw’umubiri n’isoni nke.


ariko cane‐cane abagenda bakurikira ivy’ akameremere kabo, bifuza ibihumanya bagakengera ababaganza. Nta co batinya, ntibakūrwa kw ijambo, ntibahindishwa agashitsi no gutuka abanyacubahiro:


Mukore vyose ata kwidodomba, ata guhārīra,


kugira ngw amare imisi isigaye akiri mu mubiri atagikorera ivyifuzo vy’abantu, arikw akora ivy’ Imana igomba.


n’ibihāri bidashira vy’abantu bononekaye ubgenge, bakūwekw ivy’ ukuri, bibgira yuko kwubaha Imana ar’ ukwironkera inyungu.


Kandi ntimukidodombe, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bidodomvye, bakamarwa n’umuranduzi.


ko bābabgiye, bati Mu gihe c’iherezo hazoboneka abacokoranyi bagenda bakurikira ukwifuza kwabo kwo kutubaha Imana.


irya mbere mukwiye kumenya n’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo,


Abo nkunda, ndabinginga, ko mur’ inyambukīra n’ingenzi mwirinde ivyifuzo vy’umubiri birwanya ubugingo;


Mu maso yiwe igihumbu kirakēngēretse, Ariko yubaha abatinya Uhoraho; Ico yarahiye naho comugirira nabi, ntiyirahuruza.


Ntimuze mucishe urubanza aho rutari; ntimuze muce urwa nkunzi mubitewe no kugirira impuhwe umworo, canke no gutinya ūhambaye; ariko muze mucire bagenzi banyu imanza ziroranye.


kugira ngw acire bose amateka, no kwemeza abatubaha Imana bose ko batsinzwe ku bikorwa vyose vyo kutubaha Imana bakoze batayubaha, n’amagambo yose akomeye abanyavyaha batubaha Imana bavuze bayirwanya.


Mumere nk’abana bagamburuka, ntimwishushanye n’ukwifuza kwanyu kwa kera kwo mu gihe c’ukutamenya kwanyu.


Ndavuga nti Mugendeshwe na Mpwemu, ni ho mutazoshitsa ivy’ akameremere kanyu kifuza.


Yesu amenye mu mutima kw abigishwa biwe bidodomba ivyo, arababaza, ati Mbeg’ ivyo birabatsitaje?


Kandi n’abazimira mu mitima bazoca ubgenge, n’abidodomba bazokwemera kwigishwa.


Bugaye imitima yabo kugira ngw ikigongwe nticinjire, Akanwa kabo bakavugisha ubgibone.


Ereg’ Uhoraho ni we mugararije, mwe n’abo mufatanije bose: na we Aroni n’iki, aho mumwidodombera?


Kukw igihe kizoza, batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kukw amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahūje n’ukwifuza kwabo,


atari mu buryo bgo kwāngāza umutima mu vyifuzo, nk’ukw abanyamahanga batazi Imana bagira;


Kand’ aba Kristo Yesu bābambanye akameremere kabo n’ivyo gahahamiye n’ivyo kifuza.


Bun’ Abayuda baramwidodombera, kuko yavuze, ati Ni jewe mutsima wamanutse uva mw ijuru.


Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurārira umuntu w’umunyavyaha!


Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe barīdodomba, bat’ Uyo yiyegereza abanyavyaha, agasangira na bo.


Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bafatanye na bo bidodombera abigishwa ba Yesu, bati N’iki gitumye musangira n’abatozakori n’abanyavyaha?


Gutinya abantu ku kigohe si vyiza, Kandi si vyiza k’umuntu acumuzwa n’akamanyu k’ umutsima.


Ariko bidodombera mu mahema yabo, Ntibumvira Uhoraho.


None ntibirushirije kuba ibitabereye kubibarira Īdatinya abaganwa ku kigohe, Ntikunde umutunzi kumurutisha umworo, Kuko bose ar’ igikorwa c’ intoke zayo?


Muntunge, mvuge ntarobanuye abantu ku butoni; Sinogira umuntu n’umwe nohema.


Mwidodombera mu mahema yanyu, mut’ Uhoraho kukw atwanka, ni co catumye adukūra mu gihugu ca Egiputa, ngw adutange mu maboko y’Abamori, baturandure.


Maze ba bagabo Mose yatuma gutata ico gihugu, bagarutse bakadonda inkuru z’agacavutu z’ico gihugu, bigatuma ishengero ryose rimwidodombera,


Bukeye bgaho, ishengero ryose ry’Abisirayeli ryidodombera Mose na Aroni, riti Ni mwebge mwishe abantu b’Uhoraho.


Baracokora, bakavugishwa ivy’ agahahazo n’ukugabitanya kwabo: Bavuga bīshize hejuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite