Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yuda 1:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kandi Henoki, ni we yagira indwi uhereye kuri Adamu, yavugishijwe n’Imana ivyabo, at’ Eh’ Uhoraho yazananye n’amasinzi y’abera biwe,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Enoki, uwo mu runganwe rugira indwi inyuma ya Adamu, yavugishijwe kuri abo bantu ati: “Raba Uhoraho azananye n’ibihumbi n’ibihumbi vy’abamarayika bera,

Gade chapit la Kopi




Yuda 1:14
18 Referans Kwoze  

at’ Uhoraho yaturutse kuri Sinayi, Yabarasiye aserutse kuri Seyiri, Yakayanganye aserutse ku musozi Parani, Avuye hagati mu masinzi y’ abera; I buryo bgiwe har’ umuriro waka.


kugira ngw aremeshe imitima yanyu, ntigire umugayo, ibe iyera imbere y’Imana yacu ni yo Data wa twese, iz’ isangwe irtyo ah’ Umwami wacu Yesu azozananira n’abera biwe bose.


Kuk’ Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza:


Muzohunga muce mu ruhomoka rwo mu misozi yanje; kuk’ uruhomoka rwo mur’ iyo misozi ruzoshika no kuri Azeli: mbere muzohunga nk’uko mwāhunze hamwe isi yatigita ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda; maz’ Uhoraho Imana yanje azoza azananye n’abera bose.


Yeredi amaze imyaka ijana na mirongwitandatu n’ibiri avyara Henoki.


Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.


Kuk’ Uhoraho arikw arava i we azanywe no guhanira ababa mw isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo.


Ariko mwegereye umusozi Siyoni, n’umurwa w’Imana nzima, Yeru salemu ho mw ijuru, n’ikoraniro rikuru ry’isinzi ry’abamarayika,


Ndarāba, numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije ya ntebe na vya binyabugingo na ba bakuru: igitigiri cabo car’ amasinzi n’amasinzi, n’ibihumbi n’ibihumbi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite