Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yuda 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 n’imipfunda yo mu kiyaga isūriranya, babimba ifuro ry’ibiteye isoni vyabo; n’inyenyeri ziyerera zibīkiwe umwiza w’umuzitanya ibihe bidashira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ibikorwa biteye isoni vyabo vyiyerekana nk’ifuro rikwiragizwa n’imipfunda yo mu kiyaga. Bameze n’inyenyeri ziyerera, zabikiwe gutererwa mu cobo c’umwijima w’umuzitanya w’ibihe bidashira.

Gade chapit la Kopi




Yuda 1:13
12 Referans Kwoze  

Abo n’amasōko akamye, kandi n’ibipfungu bikubebga n’igihuhuta, barindirijwe umwiza w’umuzitanya.


iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


Arikw abanyakibi bameze nk’ikiyaga gisuriranya; kuko kidashobora guhwekera, kand’ amazi yaco azīkurura isūri n’imyanda.


Izibiza kubomborana kw’ibiyaga, kubomborana kw’imipfunda yavyo, N’imivurungano y’amahanga.


Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


Arikw abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


N’abamarayika batāgumye mu bukuru bgabo, ariko bātaye ahantu habo, ibarindira kuzocirwakw iteka ryo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite