Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yuda 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Yuda, umugurano wa Yesu Kristo, kandi mwene nyina wa Yakobo, ndabandikiye abahamagawe, bakundwa kuko muri mu Mana Data wa twese, mukazigamirwa Yesu Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Jewe Yuda, umukozi wa Yesu Kristo n’umuvukanyi wa Yakobo, Ndabandikiye mwebwe abahamagawe, mukundwa n’Imana Data kandi muzigamwe na Yesu Kristo:

Gade chapit la Kopi




Yuda 1:1
40 Referans Kwoze  

mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


Kand’ Imana Nyen’ amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’ Umwami wacu Yesu Kristo azozira.


yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’ utewe n’uko yabigabiye ubgayo, kand’ utewe n’ubuntu bgayo, twaherewe muri Kristo Yesu ibihe vyose bitaraba,


Yuda (atari Isikaryota), aramubaza, ati Mugenzi, bibaye bite, k’ugira wihishurire twebge, ntiwihishurire ab’ isi?


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


Paulo, umugurano wa Yesu Kristo, nahamagariwe kuba intumwa, narobanuriwe ubutumwa bgiza bg’Imana,


Singusaba ng’ ubakūre mw isi, ariko ng’ ubarinde wa Mubi.


Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’ intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu, muguheshejwe n’ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n’Umukiza.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Nuko rero, bene Data bera, abasangiye ihamagarwa riva mw ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n’umuherezi mukuru w’ivyo twizeye tukavyatura,


abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yarabatsindanishirije; abo yatsindanishirije, yabahaye ubgiza.


Ariko noneho, ko mwacunguwe ngo ntimuganzwe n’icaha, mukajakarira Imana, mufise imbuto zanyu zizana ukwezwa, kand’ amaherezo n’ubugingo budashira.


mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.


Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.


Umwami wacu azonkiza ibibi vyose bangirira, azondokora kugira ngw anjane mu bgami bgiwe bgo mw ijuru. Icubahiro kibe iciwe, ibihe bitazoshira. Amen.


kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Imana, ibahamagarira kuja mu bgami bgayo no mu bgiza bgayo.


ngw aryeze, aryogesheje amazi n’ijambo,


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


turabandikiye mwebge abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, bejejwe muri Kristo Yesu, bāhamagariwe kuba abera, hamwe na bose bambariza ahantu hose izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ni we Mwami wabo n’uwacu.


Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.


kuri twebge, abo yahamagaye, si mu Bayuda bonyene ariko no mu banyamahanga?


Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje,


na Yuda mwene Yakobo, na Yuda Isikaryota yabaye umuguranyi.


Kandi none mbaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bgayo, rishobora kububaka no kubahēra ibiragwa hamwe n’abejejwe bose.


Bashitseyo, barūrira baja mu nzu yo hejuru, aho bāri basembereye, ari Petero, na Yohana, na Yakobo, na Andereya, na Filipo, na Toma, na Barutolomayo, na Matayo, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni Zelote, na Yuda mwene Yakobo.


kandi nanje niyeza kubgabo, kugira ngo na bo babe bejejwe mu kuri.


Ubeze mu kuri: ijambo ryawe ni ryo kuri.


Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.


Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.


Kand’ ic’ uwantumye agomba ngiki: agomba yuko mu vyo yampaye vyose hatagira na kimwe kinzimirana, ariko ngo nze nkizure ku musi w’iherezo.


atoranya na Andereya, na Filipo, na Barutolomayo, na Matayo, na Toma, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo, na Simoni Umunyakananayo,


na Filipo na Barutolomayo na Toma na Matayo umutozakori, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo,


Mbega si wa mwana w’umubāji? Nyina ntiyitwa Mariya, kand’ abavukana na we si Yakobo na Yosefu na Simoni na Yuda?


Mbega si wa mubāji, mwene Mariya, mwene nyina wa Yakobo na Yose na Yuda na Simoni? Bashiki biwe na bo ntibari hano i wacu? Ivyiwe birabatsitaza.


kandi namwe muri muri bo, mwahamagariwe kuba aba Yesu Kristo:


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


mwizigamire mu rukundo rw’Imana, mwiteze imbabazi z’Umwami wacu Yesu Kristo zibashitsa ku bugingo budashira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite