Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yoweli 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ehe rāba, mur’ iyo misi no mur’ ivyo bihe, aho nzosubira kugarukanira ab’i Buyuda n’ab’i Yerusalemu mbakūye mu ngoyi,

Gade chapit la Kopi




Yoweli 3:1
23 Referans Kwoze  

Kukw imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzotuma abantu banje b’Abisirayeli n’Abayuda bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzotuma bagaruka mu gihugu nahaye ba sekuruza, baciganzire.


Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Noneho, ngira ngarukane aba Yakobo, mbakūre mu ngoyi zabo, ngirire imbabazi ab’ inzu ya Isirayeli bose, kandi mfuhire izina ryanje ryera.


Kandi nzogarukana abantu banje b’Abisirayeli bājanywe ar’ inyagano, bongere kwubaka ibisagara vyāsenyutse, babibemwo; bazotera imirima y’imizabibu, binywere vino yayo; bazorima indimiro bīrīre ivyeze muri zo.


Nanje nzobabonekera, ni jewe Uhoraho mbivuze, ntume muhindukira, muve mu kinyago, kandi nzobakoranya mbakūye mu mahanga yose n’ahantu hose aho nabirukaniye, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzobagarukana ahantu nabakūye igihe nabambukanisha.


Uhoraho, wagiriye igihugu cawe imbabazi; Wagarukanye aba Yakobo bajanywe kw inyagano.


Uhoraho Imana yanyu azotuma muhindukira, muve mu kinyago, abagirire ikigongwe, asubire kubakoraniriza hamwe, abakūye mu mahanga yose ah’ azoba yarabasābagirije.


Uku ni ko ndabivuze, jewe Uhoraho, nti Rāba nzotuma abo mu mahema ya Yakobo bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ngirire ikigongwe amazu yabo; kand’ igisagara kizokwubakwa mu bitongozi vyaho, n’ ingoro isubire kumera nk’uko yahora.


ariko bazorahira uguhoraho kwanje jewe Uhoraho ko nakūye Abisirayeli mu gihugu c’i burārūko, no mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye: kandi nzobagarukana mu gihugu cabo nahaye ba sekuruza.


Icompa agakiza k’Abisirayeli kakaba kaje kava i Siyoni! Uhoraho ni yasubizay’ ubgoko bgiwe bgajanywe ar’ inyagano, Ni ho aba Yakobo bazohimbarwa, Abisirayeli bakanezerwa.


Nanje nzotuma bahindukira bave mu ngoyi zabo, ni bo Sodomu n’ abakobga biwe bari mu ngoyi, na Samariya n’abakobga biwe bari mu ngoyi, bo n’abawe b’imbohe bari mu ngoyi hagati muri bo;


Kandi n’abagurano banje b’abahungu n’abakobga mur’ iyo misi nzobasukako Mpwemu wanje.


Maz’ ico gihe Mikayeli azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubgoko bganyu; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, ukageza ico gihe. Arikw ico gihe umuntu wese wo mu bgoko bganyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka.


Mose aramubaza, ati Ni jewe ufitiye ishaka? Icompa abantu bose b’Uhoraho bakaba abavugishwa na we, Uhoraho akabashirakw impwemu yiwe!


Arababarira, ati Ni mwumve amajambo yanje; asangwa muri mwebge har’ uwo mvugisha, jewe Uhoraho nzomwimenyeshereza mw iyerekwa, mvuganire na we mu nzozi.


Muhindukire kubgo kwihanikiriza kwanje: Rāba, nzosuka impwemu yanje kuri mwebge, Nzobamenyesha amajambo yanje.


Kuko nzosuka amazi ku gihugu gifise inyota, n’imigezi kw isi yumye; nzosuka Mpwemu wanje ku ruvyaro rwawe, n’umugisha wanje ku buzukuruza bawe:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite