9 Batera igisagara, bakarengera inzitiro z’ amabuye biruka, bakūrira amazu bakayītera imbere, bagaca mu madirisha nk’ibisuma.
Kuk’ urupfu rwūriye rugaca mu madirisha yacu, rukinjira n’i bukuru bgacu; rukaririka abana bari hanze, n’abasore bari mu mayira.
N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūdaca mw irembo ry’urugo rw’intama, arikw akūririra ahandi, uwo aba ar’ igisuma n’umwambuzi.
Zizokwuzura ingoro zawe, n’inzu z’abanyarugo bawe bose, n’iz’ Abanyegiputa bose: izo ba so na ba sogokuru batigeze kubona, uhereye igihe babereyeho, ukageza n’ubu. Nuko Mose arahindukira, ava imbere ya Farawo.
Nta wuca ku wundi, umuntu wese aramiriza ah’atumbereye; bīroha mu macumu, nta kibahagarika.
Zirasenyuka ziza mu gihugu ca Egiputa hose, zigwa mu gihugu iyo kiva kikagera; zar’ icago gikomeye cane: uhereye kera hose ntihigeze kubah’ inzige nk’izo, kandi ntihazokwongera kuboneka izingana na zo.