Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yoweli 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Bononye umuzabibu wanje, kand’ umusukoni wanje barawuvunnye, barawushishuye rwose, bawutsinda hasi; amashami yawo asigaye ar’ igihororo c’imitonore.

Gade chapit la Kopi




Yoweli 1:7
12 Referans Kwoze  

Nabateje kurumvya bo n’ururyi: isinzi ry’ imirima yanyu yakegeswe n’inzige, bo n’inzabibu zanyu, n’imisukoni yanyu, na elayo zanyu: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


kandi ndaruririke; ntiruzotuturirwa, ntiruzorimirirwa, ariko ruzomeramw’ imikere n’amahwa; kandi nzobuza ibicu vyoye kurugwishakw imvura.


Umuzabibu urakabiranye, umusukoni urahondobereye; umukomamanga bo n’ikigazi n’umucungwa, mbere n’ibiti vyose vyo mu ndimiro birakabiranye: kuk’ umunezero uherengeteye mu bantu.


Nah’ umusukoni utoshurika, Canke n’imizabibu ngw igire ico yama, N’icimburo c’imyelayo kikabura, N’imirima ntiyere indya na mba, N’umukuku ugahenebera mu ruhongore, Ntihabe hakigira n’inka mu rugo:


Kandi nzoririka imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora avuga, at’ Izi n’impēra zanje nahawe n’abūzure banje. Nukw ivyo ngira ndabihindure ishamba, vyōnwe n’ibikōko vyo mw ishamba.


Nzobanzura rwose, ni jewe Uhoraho mbivuze: nta nzabibu zizoba zikiba ku muzabibu, cank’ insukoni ku musukoni, n’ibibabi bizokabirana; kand’ ibintu nabahaye bizobavako.


Umutobe wa vino uriganyira, uruzabibu rurahondobereye, ab’ umutima w’umunezero bose bazokwitsa umutima.


Akubita imizabibu yabo n’ insukoni zabo, Avunagura ibiti vyo mu gihugu cabo.


Zizimanganya igihugu cose, bituma igihugu gicura umwiza; zirya icameze cose mu gihugu, n’ivyamye ku biti vyose, ivyo rwa rubura rwashigaje: mu gihugu cose ca Egiputa ntihasigara ikintu na kimwe gitotahaye, naho coba igiti cank’ ikindi cose cameze ku gahinga.


Zirasenyuka ziza mu gihugu ca Egiputa hose, zigwa mu gihugu iyo kiva kikagera; zar’ icago gikomeye cane: uhereye kera hose ntihigeze kubah’ inzige nk’izo, kandi ntihazokwongera kuboneka izingana na zo.


Bazokwishishitira bababajwe n’amatongo yabanezereza, n’imizabibu yaregeza.


Nzokankamira ururyi kubganyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n’umuzabibu wo mu ndimiro zanyu ntuzorūmba, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite