5 Ni mwikangure, yemwe mborerwa, murire; namwe abakāmīra vino, muboroge, muririre vino ziryoshe, kuko zikūwe mu kanwa kanyu.
Enda rero, yemwe batunzi, ni murire muboroge kuko mugira mufutane.
Hābaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose.
Kandi bāgabanganishije abantu banje ubupfindo, umuhungu bakamutanga kw impēra ya maraya, n’ umukobga bakamugura vino ngo bīnywere.
Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.
Ni mujorerwe, yemwe barimyi, namwe abarimyi b’uruzabibu, ni muboroge, muririre ingano na sayiri; kukw ivyimburwa vyo mu ndimiro bibuze.
riti Mwana w’umuntu, vuga ubūre, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ni muboroge, muti Yō! Ewe wa musi wo kuzobona ibara!
Kubg’ ivyo mukenyere amagunira, mucure umunihiro, muboroge: kuk’ uburake bganje bg’inkazi, jewe Uhoraho, budasubiye inyuma ngo bubaveko.