Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yoweli 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Imiranga y’inzige zikegeta yariwe n’izāraraye; imiranga y’izāraraye yariwe n’izitaragurika; imiranga y’izitaragurika yariwe n’iziyigiza.

Gade chapit la Kopi




Yoweli 1:4
19 Referans Kwoze  

Kandi nzobashumbusha iyo myaka mwamaze inzige zisanganguye ivyanyu, zimwe zāraraye n’izitaragurika n’iziyigiza n’izikegeta, ni zo za ngabo zanje nabagomoreye ngo zibatere.


Nabateje kurumvya bo n’ururyi: isinzi ry’ imirima yanyu yakegeswe n’inzige, bo n’inzabibu zanyu, n’imisukoni yanyu, na elayo zanyu: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, yarikw arazana inzige, ibirīra bigitanguye kumera; kand’ ivyo birīra n’ivyāmeze ah’ umwami ahejeje gutemesha.


Bazovumbura iminyago mwanyaze nk’ukw inzige zivumbura, bazoyigwako nk’uk’ ubuyige bg’intōteza bugwa.


Kand’ iha inzikira imirima yabo, N’ivyo bāruhiye ibiha inzige.


Ngo Na ho ni wanka kubarekura, ejo ngw azorekura inzige, zihēre ku rubibe rwawe,


Uhoraho Nyen’ ingabo yirahiye ubgiwe, ati N’ukuri i wawe nzohuzuza abansi bagutere nk’inzige: bazokureremesherezakw akarūru.


Avuga ijambo, inzige ziratera, N’inzikira zidaharūrika.


Ni naramuka nkinze ijuru, imvura ntigwe, canke ni narekura inzige zikōna mu gihugu, canke ni narekura ikīza kikaja mu bantu banje;


Muzosohora imbuto nyinshi, mwimbure bike, kukw inzige zizobirya.


Mushinge ibendera mu gihugu, muvuze inzamba zitabaza mu mahanga, mwiteguze amahanga arwane na ho, mukoranirize hamwe abami b’i Ararati n’i Mini n’i Ashikenazi kuharwanya; mushinge umugabisha wo kuhagomorera; mudūze amafarasi nk’inzige zishinze urwoya.


Inzara ni yatera mu gihugu, cank’ ikīza, canke kurumbisha, cank’ ururyi rw’agahezambuto, cank’ inzige, cank’ inzikira, cank’ abansi babo ni babatera bakabaziguza mu gisagara cabo ic’ ari co cose; ni haramuka hateye icago ic’ ari co cose, cank’ indwara,


Inzara ni yatera mu gihugu, cank’ ikīza, canke kurumbisha, cank’ ururyi rw’agahezambuto, cank’ inzige, cank’ inzīkira, cank’ abansi babo ni babatera bakabaziguza mu gisagara cabo ic’ ari co cose; ni haramuka hateye icago ic’ ari co cose, cank’ indwara,


Ibiti vyanyu vyose n’ imirima yanyu inzige ni zo zizovyihariza.


zizimanganye igihugu, umuntu ntashobore kubona hasi: zizorya ivyasigaye vyakize, ivyo rwa rubura rwabasigarije, zirye n’igiti canyu cose cameze ku gahinga.


Nzokankamira ururyi kubganyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n’umuzabibu wo mu ndimiro zanyu ntuzorūmba, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite