16 Mbeg’ ivyo kurya ntivyavumbuwe twirorērera? Mbere n’umunezero n’ibihimbaro ntivyakūwe mu ngoro y’Imana yacu?
Maze nzoja ku gicaniro c’ Imana, Ku Mana, ni yo munezero uzana ibinezaneza vyanje; Ngutazirishe inanga, Mana, wewe Mana yanje.
Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.
Uwo musi na we azosemerera, ati Sinshobora kubasanasana, kukw i wanje ata vyo kurya ngira, ata n’imyambaro: nta co mungira umutware w’abantu.
Mwirate izina ryiwe ryera, Imitima y’abarondera Uhoraho inezerwe.
Unyumvishe umunezero n’ uguhimbarwa, Kugira ngw amagufa wavunnye anezerwe.