Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yoweli 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Umuzabibu urakabiranye, umusukoni urahondobereye; umukomamanga bo n’ikigazi n’umucungwa, mbere n’ibiti vyose vyo mu ndimiro birakabiranye: kuk’ umunezero uherengeteye mu bantu.

Gade chapit la Kopi




Yoweli 1:12
19 Referans Kwoze  

Baririra mu nzira kuko babuze vino; ahār’ umunezero burīje mazingi, ibinezereza vyo mu gihugu biragiye.


Akanyamuneza n’ibihimbaro bīkūwe mw itongo rimera cane; nta kuririmba kuzoba mu ruzabibu, cank’ ijwi ry’umunezero; nta mukānyi azokānyira vino mu bgato: akayego k’abakānyi ndakajibije.


Mbeg’ ivyo kurya ntivyavumbuwe twirorērera? Mbere n’umunezero n’ibihimbaro ntivyakūwe mu ngoro y’Imana yacu?


Imirima irononekaye, n’igihugu kiraganya; kukw amasaka yononekaye, na vino z’umubira zikamye akagīrīre, kand’ amavuta ya elayo na yo aherengeteye.


Nk’igiti c’icungwa mu bindi biti vyo mw ishamba Ni k’umukunzi wanje ameze mu bandi basore. Mpimbarwa no kwicara mu gitūtu ciwe, Amacungwa yiwe aransosera.


Mbega har’ imbuto zikiri mu bigega? Mbere n’umuzabibu n’umusukoni n’umukomamanga n’umwelayo ntibikiruha vyama; arik’ uhereye iri zuba nzobaha umugisha.


Umunezero n’uguhimbarwa bikūweho, bikūwe mu ndimiro imera no mu gihugu c’i Mowabu; natumye vino ibura mu mato akanyirwamwo: nta wuzoganisha ibirenge n’akāmo k’umunezero: akāmo kazobaho kazoba ar’ ak’ intambara, ntikazoba ar’ ak’ umunezero.


Ijwi ry’amaborogo rituruka i Horonayimu: har’ ukunyaga n’ ugutikiza gukomeye.


Wagwije ihanga, wabongeye umunezero, banezererwa imbere yawe, nk’umunezero wo mw iyimbura, nk’uw’ abantu banezerwa bagabanganye iminyago.


Iminago yo kuri wewe n’umurima w’amakomamanga, wama ivyiza; Urimwo koferu n’uduti twa narada,


Umugororotsi azototahara nk’ ikigazi, Azoshirwa hejuru nk’igiti c’ isederi c’i Lebanoni.


Ushize akanyamuneza mu mutima wanje, Karuta ako bagira mu gahimbo k’amahonda na vino vyabo.


Bashika mu gihogoro citwa Eshikoli, bahaca ishami ririk’ umusoko umwe w’ inzabibu, bawutwara ku munzeganzega ari babiri; bazana no ku makomamanga yaho no ku nsukoni.


Umutobe wa vino uriganyira, uruzabibu rurahondobereye, ab’ umutima w’umunezero bose bazokwitsa umutima.


Arikw Imana igera igikogoshi ngo kirye ico kibonobono; buca cākabiranye.


Nzokankamira ururyi kubganyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n’umuzabibu wo mu ndimiro zanyu ntuzorūmba, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite