Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yoweli 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ni mujorerwe, yemwe barimyi, namwe abarimyi b’uruzabibu, ni muboroge, muririre ingano na sayiri; kukw ivyimburwa vyo mu ndimiro bibuze.

Gade chapit la Kopi




Yoweli 1:11
8 Referans Kwoze  

Ku musi wabiteyeko warabizitiriye, bukeye utuma ivyo wateye bishurika: arikw ivyimburwa bizobura ku musi w’umubabaro n’akabonge k’ubgihebe.


Ni nde munyabgenge yotahura ivyo? Kandi ni nde yabibariwe n’akanwa kanje, jewe Uhoraho, kugira ngw avyamamaze? N’iki gitumye igihugu cononekara kigasha uburimbi nk’ubugaragwa, ntihabe hakigira ūhaca?


ukwo kwizigira ntigutētereza, kuk’ urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu na Mpwemu Yera twāhawe.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize, ari we Mwami, ati Hazoba amaborogo mu nzira zose z’ibihamo, kandi mu mayira yose bazovuga, bati N’ubuyobe, n’ubuyobe! Bazohamagara n’abarimyi ngo barire, n’abazi gucura intimba ngo baboroge.


Murandure i Babuloni umubivyi, bo n’ūtemesha umuhoro mu gihe c’iyimbura. Kubgo gutinya inkota iririka, bazohunga, umuntu wese asubire mu bgoko bgabo, umuntu wese asubire mu gihugu cabo.


riti Mwana w’umuntu, vuga ubūre, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ni muboroge, muti Yō! Ewe wa musi wo kuzobona ibara!


I Buyuda haraboroga, amarembo yaho arihebuye, bicara hasi biraburaniwe; gutaka kw’i Yerusalemu kugiye hejuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite