Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yosuwa 7:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Bagaruka aho Yosuwa ari, baramubgira, bat’ Abantu bose ntibarinde kudūgayo; ni hagende nk’ibihumbi bibiri canke bitatu, babe ari bo bahatera. Ntiwirirwe ugorera abantu bose ubusa ngo badūgeyo, kukw abaho ari bake.

Gade chapit la Kopi




Yosuwa 7:3
9 Referans Kwoze  

Ni co gituma, bene Data, mukwiye kurushiriza kugira umwete wo gukomeza ihamagarwa ryanyu, bo n’ugutoranywa. Ni mwakora ivyo, ntimuzotsitara na gatoya.


Mbere kubg’ iyo nyanduruko nyene, ubganyu mushiruke umwete wose; ukwizera kwanyu mukwongerekw ingeso nziza; ingeso nziza muzongerek’ ubgenge;


Nuko tugire umwete wo gushika mur’ ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana.


ati Mushishikare guca mw irembo ripfunganye: ndababgira yuko benshi bazogomba kuricamwo, ntibabishobore.


Ukwifuza kw’umunyabute kuramwica, Kukw amaboko yiwe yanka kuruha.


Umutima w’umunyabute urifuza, ariko nta co uronka, Arik’ umutima w’abanyamwete uratotahara.


Yosuwa atuma abantu bava i Yeriko ngo baje i Hayi; hari hafi y’i Betaveni, ku ruhande rw’i Beteli rw’i burasirazuba; arababarira, ati Ni mudūge, muje gutata ico gihugu. Nukw abo bantu baradūga, baja gutata Hayi.


Nuko mu bantu havamwo nk’ibihumbi bitatu, badūgayo: arikw abantu b’i Hayi barabirukana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite