Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yosuwa 3:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 babarira abantu, bati Ni mwabona isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu ireruwe n’abaherezi ari bo Balewi, muze muce muhaguruka muve aho muri, muyikurikire,

Gade chapit la Kopi




Yosuwa 3:3
20 Referans Kwoze  

Mose yandika ivyo vyagezwe, abishikiriza abaherezi, ari bo Balewi, abareruzi b’isandugu y’ isezerano ry’Uhoraho, abishikiriza n’abakuru bose b’Abisirayeli.


Kand’ uko vyagenze n’uku: abareruye isandugu y’Uhoraho batambutse intambuko zitandatu, atanga impfizi kw ikimazi, bo n’ ishuri y’igishishe.


Kand’ ubarire abaherezi bareruye isandugu y’isezerano, uti Ni mwashika ah’ amazi ya Yorodani agarukira, muyashōreremw’ ibirenge, muhagararemwo.


abarira Abalewi, ari bo bareruzi b’isandugu y’isezerano ry’Uhoraho,


Nuko barahaguruka, bava ku musozi w’Uhoraho, bagenda urugendo rw’imisi itatu; kand’ isandugu y’isezerano ry’Uhoraho ibaja imbere iyo misi itatu y’urugendo, kugira ngw ibaronderere aho baruhukira.


Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko bābaye nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’ aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.


Buno Yesu abgira abigishwa biwe, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire.


Haza umunyabgenge w’ivyanditswe, aramubgira, ati Mwigisha, ndagukurikira ah’ uja hose.


Nuko bashira iyo sandugu y’Imana ku mukogote musha, bayikūra kwa Abinadabu yaba kur’ uwo musozi; Uza na Ahiyo bene Abinadabu bayobora inka zikwega uyo mukogote musha.


Nuko Yosuwa mwene Nuni ahamagaza abaherezi, arababarira, ati Ni murerure isandugu y’isezerano, maz’ abandi baherezi ndwi bajane inzamba ndwi z’amahembe y’impfizi z’intama, bagende imbere y’isandugu y’Uhoraho.


Kukw abo baherezi bareruye iyo sandugu bari bahagaze muri Yorodani, gushitsa ah’ ivyo Uhoraho yabariye Yosuwa kubgira abantu vyarangiriye vyose, bihwanye n’ivyo Mose yari yarabariye Yosuwa vyose: nuko ni kw abantu bihuse, barajabuka.


Yosuwa araheza abarira abaherezi, ati Ni murerure isandugu y’ isezerano, mwītangire imbere y’ abantu mu kujabuka. Nuko barerura iyo sandugu, bītangira imbere y’abantu.


Maze Aroni n’abana biwe ni baheza gutwikira ivy’ Ahēra n’ibintu vyaho vyose, igihe hageze guhaguruka ngo mugende, hanyuma aba Kohati babone kuza kubirerura; ariko ntibaze bakore ku vyēra, kuko bopfa. Ivyo ni vyo aba Kohati bagerewe kurerura vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.


kugira ngo mumenye inzira mukwiye kujana, kuko mutigeze guca mur’ iyi nzira. Mugabo, hagati yanyu na yo haze hasigare ikirere c’intambuko igihumbi; ntimuze muyēgēre.


Abalewi bāri bawukūyekw isandugu y’Uhoraho na ka gasandugu kari kumwe na yo, karimwo vya bintu vy’izahabu, babiteretse kuri ca kibuye kinini. Nuk’ uwo musi ab’i Beti‐shemeshi bashikanira Uhoraho ibimazi vyoshejwe n’ibindi bimazi.


Nukw abakuru bose bo mu Bisirayeli baraza, abaherezi baraheza barerura isandugu.


N’abaherezi b’Abalewi n’uko, ntibazokwigera babura uwo kuzokwama ahagarara imbere yanje ngw atange ibimazi avyose, ngo yose n’ibishikanywe, no kwama akerera ibimazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite