Bakir’ i Shitimu, Yosuwa mwene Nuni atuma abantu babiri mu mpisho, ngo baje gutata; arababarira, ati Ni mugende mwitegereze ico gihugu, cane‐cane i Yeriko. Nuko baragenda, bashika mu nzu ya maraya yitwa Rahabu, bahāka indaro.
Aburahamu azinduka kare mu gatondo, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, ajana na babiri bo mu mikangara yiwe, na Isaka umwana wiwe; nukw asatuje inkwi zo kwosa ikimazi, ava hasi, aja ha hantu Imana yamubariye.
Maze ku musi ugira indwi, bazinduka mu gaturuturu, bazenguka ico gisagara nk’uko bahora, bashitsa ibihetangabo ndwi: kur’ uwo musi gusa ni ho bākizengutse gushikana indwi.