Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yosuwa 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bukeye Yosuwa arazinduka, avana i Shitimu n’Abisirayeli bose, bashika kuri Yorodani, barāra batajabutse.

Gade chapit la Kopi




Yosuwa 3:1
16 Referans Kwoze  

Bakir’ i Shitimu, Yosuwa mwene Nuni atuma abantu babiri mu mpisho, ngo baje gutata; arababarira, ati Ni mugende mwitegereze ico gihugu, cane‐cane i Yeriko. Nuko baragenda, bashika mu nzu ya maraya yitwa Rahabu, bahāka indaro.


Mw ijoro rishīra ubuca aravyuka, arasohoka, aja mu gahinga, asengerayo.


Yemwe bantu banje, enda ni mwibuke imigabo Balaki umwami w’i Mowabu yīgīriye, n’ico Balamu mwene Beyori yamwishuye; mwibuke n’ivyabaye uhereye i Shitimu ukageza i Gilugali, kugira ngo mumenye ivy’ ubugororotsi nakoze, jewe Uhoraho.


ngo mwumvire amajambo y’ abasavyi biwe avugisha, abo abatumako, mber’ akāma azindurwa no kubatuma, mukanka kubumvira,


at’ Uhereye mu mwaka ugira icumi na gatatu wa Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kur’ uyu musi, iyo myaka ukw ari mirongwibiri n’itatu, ijambo ry’ Uhoraho ryama rinzako, nanje nkaribabgira, nkāma nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwumve.


Kandi none, ko mwakoze ivyo bikorwa vyose, ni jewe Uhoraho mbivuze, nkaba nari naravuganye namwe nzinduwe no kubabgira, ariko ntimwumve, nkabahamagara ariko ntimwitabe;


Nkanyaruka, sintebe Kwitondera amabgirizwa yawe.


Abisirayeli batebeye i Shitimu, abantu batangura gusambana n’Abanyamowabukazi:


Aburahamu azinduka kare mu gatondo, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, ajana na babiri bo mu mikangara yiwe, na Isaka umwana wiwe; nukw asatuje inkwi zo kwosa ikimazi, ava hasi, aja ha hantu Imana yamubariye.


Aburahamu akoroka kare, yābīra impamba n’ umukuza w’urusato wuzuye amazi, abitekerera Hagari, abishira ku rutugu rwiwe, amuha n’uwo mwana, aramwirukana; aragenda, azimagirika mu bugaragwa bg’i Beri‐sheba.


Bukeye Yosuwa azinduka mu gatondo kare, abaherezi barerura isandugu y’Uhoraho.


Maze ku musi ugira indwi, bazinduka mu gaturuturu, bazenguka ico gisagara nk’uko bahora, bashitsa ibihetangabo ndwi: kur’ uwo musi gusa ni ho bākizengutse gushikana indwi.


Nuko Yosuwa azinduka kare mu gatondo, ahamagaza Abisirayeli, umuryango umwe‐umwe ukwawo; umuryango wa Yuda urafatwa.


Yosuwa ahenga kare mu gatondo akoranya ingabo, adūgana n’abakuru b’Abisirayeli, azigiye imbere, baja i Hayi.


Nuko bukeye Abisirayeli barahaguruka, basagaza inyuma y’i Gibeya.


Nuko Dawidi akoroka kare, asigarana intama ūzimurābira, ahitana ivyo bintu aragenda, nk’uko Isayi yamubariye, ashikira aho barāza imikogote y’intambara, ahūra ingabo zigiye gutonda urugamba zīrahira ubutōre.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite