Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yosuwa 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uwo mwami atuma kuri Rahabu, ati Zana abo bantu baje i wawe, kuko bazanywe no gutata igihugu cose.

Gade chapit la Kopi




Yosuwa 2:3
15 Referans Kwoze  

Arikw abaganwa b’Abamoni babarira umwami wabo Hanuni, bati Mbeg’ ugira ngo Dawidi icamuteye kurungika abo kukugarukirako n’uko yari yubashe so? Ntuzi kw abo bantu yabarungitse gukenguza iki gisagara no kugitata, ngw abone kukigeseza?


Ku musi Herode bgāca amubashikiriza, mur’ iryo joro Petero yar’ asinziriye hagati y’abasoda babiri, aboheshejwe iminyororo ibiri, abateramyi bāri ku rugi barinda inzu y’ibohero.


Amaze kumufata, amushira mw ibohero, amuha abasoda cumi na batandatu kumurinda ari bane‐bane, agira ngw az’ amushikirize abantu, Pasika ishize.


Maze Pilato asubira gusohoka, arababgira, at’ Ehe ndamusohokanye aho muri, ngo mumenye kw ata gicumuro mbonye kuri we.


Yukw inkozi y’ikibi ihora irokoka ku musi w’ivyago, Kandi kw ikira ku musi w’ uburake?


Arikw abaganwa b’Abamoni babarira Hanuni, bati Mbeg’ ugira ngo Dawidi icamuteye kurungika abo kukugarukirako n’uko yari yubashe so? Ntuzi kw abo bantu biwe bazanywe no gukēngūza no gutata iki gihugu ngo bakigeseze?


Bagira nk’uko babariwe, bakūra abo bami mur’ iryo senga ukw ari batanu, barabamuzanira; ni bo aba: umwami w’i Yerusalemu, n’uw’i Heburoni, n’uw’i Yaramuti, n’uw’i Lakishi, n’uw’i Eguloni.


ati Jana uwatukanye inyuma y’aho mushagaje, abamwumvise bose aho yatukana bashire ibiganza vyabo ku mutwe wiwe: ikoraniro ryose rimwicishe amabuye.


Turamubarira, tuti Tur’ abanyakuri, ntitugira gutata na gatoya.


Hahise amezi nk’atatu, babarira Yuda, bati Tamari umukazana wawe yarasambanye, mber’ afise n’inda. Yuda arababgira, ati Ni mugende mumusohokane, mumute mu muriro.


Baja kubarira umwami w’i Yeriko, bat’ Erega kur’ uyu mugoroba haje abantu bo mu Bisirayeli, baje gutata igihugu.


Arik’ uwo mugore ajana abo bantu bompi, arabahisha; araheza abarira izo ntumwa, ati Ni koko haje abantu i wanje, ariko sinamenye iyo bavuye;


Maz’ abantu ba Abusalomu bashikīra nya mugore mu rugo, baramubaza, bati Ahimasi na Yonatani bari hehe? Nya mugore arabishura, ati Bafashe hakurya. Nuko babarondeye, barababura, basubira i Yerusalemu.


Sisera aramubarira, ati Genda wihagararire mu muryango w’ihema, maze ni hagira umuntu aza, akakubaza, ati Har’ umuntu aje ngaho? umwishure, uti Na mba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite