Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yosuwa 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Mugabo shikama, ushire amanga cane, kugira ngo witondere ivy’ ivyagezwe vyose bivuga, ubishitse, ivyo Mose umusavyi wanje yakugeze; ntuz’ utambamire i buryo cank’ i bumoso, kugira ng’ ugire ukuboko kwiza ah’ uja hose.

Gade chapit la Kopi




Yosuwa 1:7
25 Referans Kwoze  

Uko ni k’uzogira ubuhirwe, ni wagira umwete ukitondera amabgirizwa n’amatēka Uhoraho yashingiye Abisirayeli, akabishikiriza Mose. Nuko shikama, ushire amanga, ntutinye kandi nturanduke umutima.


Nuko rero muze mwitondere ivyo Uhoraho Imana yanyu yababariye; ntimuze mutambamire i buryo cank’ i bumoso.


Ibiri mur’ ico gitabo c’ivyagezwe ntuz’ ubikūre mu kanwa kawe; arik’ uze wame ubirīmbūra ku murango no mw ijoro, kugira ng’ubone kwitondera ivyanditswemwo vyose; ni ho ivyawe bizogenda neza, ukagira amahirwe.


Ntugatambamire i buryo cank’ i bumoso: Ukūre ikirenge cawe mu kibi.


Nk’ uk’ Uhoraho yageze Mose umusavyi wiwe, ni ko Mose yageze Yosuwa, Yosuwa na we abigenza kuno: nta kintu na kimwe atākoze, mu vy’Uhoraho yageze Mose vyose.


Ico mbageze cose muze mucitondere, mugishitse; ntimuze mucungurireko, canke ngo mukigabanye.


Maze Mose ahamagara Yosuwa, amubaririra imbere y’Abisirayeli bose, at’ Ushikame, ushire amanga, kukw ari wewe uzojana aba bantu mu gihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza kw azokibaha: ni wewe uzokibashikiriza.


None rero ni mwitondere amajambo y’iri sezerano, muyashitse, kugira ngo mugire ukuboko kwiza mu vyo mukora vyose.


ntimukikamire i buryo cank’ i bumoso, ngo muve ku kintu na kimwe mu vyo mbageze uyu musi, mukaja kugendanira izindi mana ngo muzisabe.


Ngendera mu mayira y’ubugororotsi, No hagati mu nzira z’imanza ziroranye:


Uze wumvire ivyo Uhoraho Imana yawe yageze, ugendere mu nzira ziwe, witondere ivyo yashinze, n’amabgirizwa yiwe, n’amateka yiwe, n’ivyo yihanikirije, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose, kugira ng’ ugire ikiganza ciza mu vy’uzokora vyose n’ah’ uzoja hose;


Amurambikakw ibiganza, amushikiriza ico gikorwa, nk’uk’ Uhoraho yari yabimubariye.


Mose umusavyi w’Uhoraho amaze gupfa, Uhoraho abarira Yosuwa mwene Nuni umufasha wa Mose,


Ni co gituma mukwiye kwitondera ivyagezwe vyose mbagera uyu musi, kugira ngo mubone kugira inkomezi, mwinjire igihugu mugiye kujabukiramwo ngo mucegukire;


None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.


Nuko rero ni mugumye imitima, mushikame, mubone kwitondera no gushitsa ivyanditswe vyose mu gitabo c’ivyagezwe vya Mose, kugira ngo ntimukikamire i buryo cank’ i bumoso, ngo mubiveko,


ati Ngiye kujana inzira ab’ isi bose bajana; nuko shikama, ube umugabo nya mugabo.


Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, agendera mu ngeso nziza zose za sekuruza Dawidi, ntiyatambamira i buryo cank’ i bumoso.


Ariko mweho mushikame, amaboko yanyu ntadendebukirwe, kukw ibikorwa vyanyu muzobihērwa ingero.


Uhoraho abaza Satani, ati Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi?


Arambgira, at’ Ewe muntu w’umukundwa cane, nta co utinya: mpore, mpore, gira amahoro! Akibimbgira, nca ndaremerana, ndavuga, nti Databuja n’uvuge, kuk’ unsubijemw’ intege.


Ntimuze mwungurire ku vyagezwe mbagera, canke ngo mubigabanye, kugira ngo mubone kwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu mbagera.


dushikīra ibihugu vyabo, tubiha Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’Abamanase, kuba ishamvu yabo.


Ashira umutima ku kurondera Imana mu gihe cose ca Zekariya, umuntu yamwigishije kwubaha Imana; kand’ uko yakomeje kurondera Uhoraho, Imana yamuhaye umugisha.


Uhoraho Mana Nyen’ ingabo, utwigarurire, Umurikishe mu nyonga hawe, natwe turakira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite