Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yosuwa 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Uhereye mu bugaragwa no kur’ uriya musozi Lebanoni, ugashitsa ku ruzi runini, ari rwo Efurate, ugahitana igihugu cose c’Abaheti, ukageza ku kiyaga kinini gihera i burengerazuba, ni rwo ruzoba urugabano rwanyu.

Gade chapit la Kopi




Yosuwa 1:4
12 Referans Kwoze  

Nzobashirirah’ urugabano guhēra ku Kiyaga Gitukura gushitsa ku kiyaga c’Abafilisitiya, no guhēra ku bugaragwa gushitsa ku ruzi Efurate; kukw ababa mur’ ico gihugu nzobashira mu maboko yanyu, mubirukane.


Ahantu hose muzokandagiza ibirenge hazoba ahanyu; urugabano rwanyu ruzohēra ku bugaragwa rushike i Lebanoni, ruhēre no kuri rwa ruzi, ari rwo Efurate, rushike ku kiyaga c’i burengerazuba.


Nti Ndakwinginze, nyemerera njabuke ndābe ico gihugu ciza co hakurya ya Yorodani, n’uriya mugamba waho mwiza, n’i Lebanoni.


ni mukebanuke, mufate inzira, muje mu mugamba w’Abamori n’ahandi hose hahereranye na ho mu kiyaya citwa Araba, hose mu mugamba n’ahaciye bugufi, n’i Negebu, no mu kiyaya c’ikiyaga mu gihugu c’Abanyakanani, n’i Lebanoni, muze murinde mushitsa ku ruzi runini Efurate.


Bukeye Dawidi anesha n’ umwami w’i Zoba, Hadadezeri, hafi y’i Hamati, igihe Hadadezeri yaja kugandura igihugu yaganza co ku ruzi Efurate.


bāhēra n’ahahera i burasirazuba, ukarinda ushitsa ku bugaragwa bugarukira ku ruzi Efurate, kukw amasho yabo yagenda agwirirana mu gihugu c’i Gileyadi.


ribarira umumarayika wa gatandatu afise inzamba, riti Bohora abamarayika bane babohewe ku ruzi runini Efurate.


Kandi Salomo yaganza ibihugu vyose vy’abami, uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa ku gihugu c’Abafilisitiya ukagarukira ku rubibe rwa Egiputa, bakāma bamuzanira amashikanwa, bakamusaba, igihe cose yabaye ku ngoma.


Kandi ngo Hābamw’ abami bakomeye cane bāganza i Yerusalemu n’ igihugu cose co hakurya y’uruzi, ngo bagatorezwa ikori n’ikibuguro n’ingorore.


Umukogote umwe‐umwe bāwukūra muri Egiputa kuri shekeli z’ifeza amajana atandatu, ifarasi kw ijana na mirongwitanu. Kand’ abo bādandariza umwami bāshōrera n’abami bose bo mu Baheti n’abo mu Basiriya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite