2 ati Mose umusavyi wanje yāpfuye; none rero va hasi, ujabukane aba bantu bose urwo ruzi Yorodani, muje mu gihugu mbahaye, mwebge Abisirayeli.
Arik’ uhanūre Yosuwa, umuremēshe, umutēre gushikama, kukw ari we azorujabuka arōngōye abo bantu, akabinjiza igihugu uzoja kurāba.
Maze Mose ahamagara Yosuwa, amubaririra imbere y’Abisirayeli bose, at’ Ushikame, ushire amanga, kukw ari wewe uzojana aba bantu mu gihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza kw azokibaha: ni wewe uzokibashikiriza.
Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga.
ati Ni mugende munyuranganye aho mushagaje, mubarire abantu, muti Ni murondere impamba, kuko mu misi itatu muzojabuka rurya ruzi Yorodani, kugira ngo mwinjire ico gihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye ngo mucegukire.
Mose umusavyi w’Uhoraho amaze gupfa, Uhoraho abarira Yosuwa mwene Nuni umufasha wa Mose,
Arik’ umusavyi wanje Mose si ko bimeze: ayoboka mu rugo rwanje hose.
Nuko Mose umusavyi w’ Uhoraho apfira ngaho mu gihugu c’i Mowabu, nk’ukw ijambo ry’ Uhoraho ryavuze.
Uhoraho abaza Satani, ati Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi?
Kandi wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, nzobaha iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, ni co gihugu cose c’i Kanani, kuba ishamvu y’ibihe vyose: na bo nzoba Imana yabo.
Wagwije abana babo bangana n’inyenyeri zo kw ijuru, ubashira mu gihugu wabariye ba sekuruza babo ngo bacinjire bacegukire.