Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yosuwa 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 ati Ni mugende munyuranganye aho mushagaje, mubarire abantu, muti Ni murondere impamba, kuko mu misi itatu muzojabuka rurya ruzi Yorodani, kugira ngo mwinjire ico gihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye ngo mucegukire.

Gade chapit la Kopi




Yosuwa 1:11
9 Referans Kwoze  

Ni mwumve, yemwe Bisirayeli, mur’ iki gihe mugiye kuzojabuka Yorodani, mwinjire igihugu c’amahanga abarusha ubginshi n’inkomezi, kirimw’ ibisagara binini, bizitijwe inzitiro z’amabuye zigera mw ijuru,


riti Subira inyuma, ubarire Hezekiya segaba w’abantu banje, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo Yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Eh’ azogukiza; uti Maze ku musi ugira gatatu uzodūga uje mu ngoro yiwe.


Imisi ibiri ishize azoduhēmbūra: ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa, tube bazima imbere yiwe.


Hashize imisi itatu, abagaba abantu banyuranganya aho bashagaje,


Kuko mugiye kujabuka Yorodani, mukinjira igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye; nuko ni mwamara kucegukira, mukakibamwo,


umusi ugira gatatu uz’ ushike bīteguye: kuko jewe Uhoraho ku musi ugira gatatu nzomanuka nze kur’ uyu musozi Sinayi imbere y’abantu bose.


ati Mose umusavyi wanje yāpfuye; none rero va hasi, ujabukane aba bantu bose urwo ruzi Yorodani, muje mu gihugu mbahaye, mwebge Abisirayeli.


Maze Yosuwa abarira abagaba abantu,


Mur’ ico gihe ndababarira, nt’ Uhoraho Imana yanyu abahaye iki gihugu ngo mukiganze; nt’ Abahizi mwese ni mujabuke, mwitwaje ibirwanishwa, muje imbere y’Abisirayeli bagenzi banyu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite