10 Maze Yosuwa abarira abagaba abantu,
None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.
ati Ni mugende munyuranganye aho mushagaje, mubarire abantu, muti Ni murondere impamba, kuko mu misi itatu muzojabuka rurya ruzi Yorodani, kugira ngo mwinjire ico gihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye ngo mucegukire.
Hashize imisi itatu, abagaba abantu banyuranganya aho bashagaje,