Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yosuwa 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mose umusavyi w’Uhoraho amaze gupfa, Uhoraho abarira Yosuwa mwene Nuni umufasha wa Mose,

Gade chapit la Kopi




Yosuwa 1:1
29 Referans Kwoze  

Kandi Yosuwa mwene Nuni yari yuzuye impwemu y’ubgenge, kuko Mose yari yaramurambitsekw ibiganza. Nukw Abisirayeli baramwumvira, bagenza nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose.


Kand’ Uhoraho abarira Yosuwa mwene Nuni, at’ Ushikame, ushire amanga; kukw ari wewe uzoshikana Abisirayeli mu gihugu narahiye ko nzobaha: kandi nzobana nawe.


Uhoraho Imana yanyu ni we azojabuka abagiye imbere, kand’ azorandura ayo mahanga ar’ imbere yanyu, namwe mwegukire igihugu cabo: kandi Yosuwa ni we azojabuka abagiye imbere, nk’uk’ Uhoraho yavuze.


ati Yosuwa mwene Nuni, wa mutumwa wawe, ni we azokijamwo, ati Nuk’ umuremeshe, kukw ari we azocinjiza Abisirayeli.


Mose avana hasi na Yosuwa umufasha wiwe, adūga ku musozi w’Imana.


Paulo, umugurano wa Yesu Kristo, nahamagariwe kuba intumwa, narobanuriwe ubutumwa bgiza bg’Imana,


Iryo, ba sogokuruza barihawe na ba sekuru babo, barishikana ino, Yosuwa ari kumwe na bo, hamwe bātsinda amahanga, Imana iyirukana imbere ya ba sogokuruza, gushitsa ku gihe ca Dawidi.


Nuko Mose umusavyi w’ Uhoraho apfira ngaho mu gihugu c’i Mowabu, nk’ukw ijambo ry’ Uhoraho ryavuze.


Yehoshafati arabaza, ati Mbega nta wuvugishwa n’Uhoraho yoba ngaha, ngw adusigurize Uhoraho? Umwe mu bantu b’umwami w’ Abisirayeli aramwishura, ati Elisa mwene Shafati ari hano, yahora ar’ umusuku wa Eliya.


na Yehu mwene Nimushi na we uz’ umurobanuze amavuta, az’ abe umwami w’Abisirayeli; kandi na Elisa mwene Shafati w’i Abeli‐mehola uz’ umurobanuze amavuta, az’ abe ūvugishwa mu gishingo cawe.


Abo ni bo Mose umusavyi w’Uhoraho, bo n’Abisirayeli, bānesheje; kand’ igihugu cabo Mose yagihaye Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’ umuryango wa Manase kw ishamvu.


Iyi ni yo mihezagiro Mose umuntu w’Imana yahezagiye Abisirayeli, atarapfa:


Ayo ni yo mazina y’abantu Mose yatumye gutata ico gihugu; kandi yita Hoseya mwene Nuni, Yosuwa.


Mu muryango wa Efurayimu hatumwa Hoseya mwene Nuni.


Arik’ umusavyi wanje Mose si ko bimeze: ayoboka mu rugo rwanje hose.


Yosuwa mwene Nuni, yabaye umufasha wa Mose uhereye mu busore bgiwe, aramubarira, ati N’ubabuze, mugenzi!


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.


Paulo, umugurano w’Imana, intumwa ya Yesu Kristo, mbihērewe kwizeza abo Imana yatoranije no kwigisha kumenya ivy’ ukuri gufatanije n’ukwubaha Imana;


Ūkora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye: ūgabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye.


no kubg’ ivy’ ububasha n’ibiteye ubgoba vyose Mose yakoreye imbere y’ Abisirayeli bose.


ati Mose umusavyi wanje yāpfuye; none rero va hasi, ujabukane aba bantu bose urwo ruzi Yorodani, muje mu gihugu mbahaye, mwebge Abisirayeli.


gushitsa ah’ Uhoraho azoruhurira bagenzi banyu nk’uko namwe yabaruhuye, na bo bakegukira igihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye; hanyuma mubone kugaruka mur’ iki gihugu mwegukiye, mukigerēre, ico Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye gihera i burasirazuba, hakuno ya Yorodani.


Kand’ ikoraniro ryose ry’abāgarutse bavuye mu kinyago bīcīra insāgo bazirāramwo. Uhereye mu gihe ca Yosuwa mwene Nuni ukageza kur’ uwo musi Abisirayeli ntibaribgigere bagira nk’uko; nuko haba umunezero mwinshi cane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite