9 Maz’ Imana ibaza Yona, iti Mbega k’urakijwe urtyo n’ ico kibonobono, ugize neza? Arayishura, ati Ngize neza kugira uburake, mbere bgonyica.
Wewe witabagurana uburake bgawe, Mbeg’ isi yohebga kubgawe? Cank’ igitandara cokūrwaho kubgawe?
Ereg’ igipfu ni co cicwa n’ umwikomo, N’imburabgenge ni yo yicwa n’ishari.
Maz’ akomeje kumuzigiriza imisi yose, amukubakuba, abona kw atakimucanan’ uwāka.
Mur’ iyo misi abantu bazoba barondera urupfu, ariko ntibazorubona na gatoya; bazoba bifuza gupfa, urupfu rubahunge.
Umubabaro wo mu buryo bg’Imana utera ukwihana kuticuzwa, kuzana agakiza: arik’ umubabaro wo mu buryo bg’isi utera urupfu.
Arababgira, at’ Umutima wanje uri n’akabonge kagomba kunyica: ba muragumye aha, mubane maso nanje.
Wirinde, ishavu ryawe ntirihave rigutera kurogota, Kand’ ubginshi bg’incungu ntibugukebanure.
Arikw ivyo bishavuza Yona cane, araraka.
Maz’ izuba rirashe, Imana igera umuyaga w’indugumba, ng’ uve i burasirazuba; izuba rinaga Yona mu mutwe, bituma ahinduka urusogosogo, yisabira gupfa, ati Gupfa vyondutira kubaho.
Uhoraho aramubaza, ati K’ ugiriye ikibabarwe ico kibonobono, utākoreye kand’ utāmejeje, cameze ijoro rimwe, ku rindi kikūma,
Nuko Ahabu arataha ashavuye yijiriwe, kubg’ iryo jambo Naboti w’i Yezireli yamubariye: kuko yamubariye, ati Sinoguha ishamvu ya ba sogokuruza. Nukw aragenda yiryamira ku kirwa, aroresha amaso hirya mu rusika, yanka gufūngura.