Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Maz’ Uhoraho Imana ameza ikibonobono, gitagarara hejuru y’ aho Yona ari, kugira ngo kimubere igitūtu ku mutwe, kimworohereze amagorwa yarimwo. Maze Yona agira umunezero mwinshi kubg’ ico kibonobono.

Gade chapit la Kopi




Yona 4:6
11 Referans Kwoze  

kand’ abarira bamere nk’abatarira, n’abanezerewe bamere nk’abatanezerewe, n’abagura bamere nk’abatagira ico bafise,


Ariko ntimunezerezwe n’ukw izo mpwemu zibumvira, yamara munezerezwe n’ukw amazina yanyu yanditswe mw ijuru.


Uhoraho agera urufi runini ngo rumire Yona. Maze Yona amara mu nda y’urufi imisi itatu n’amajoro atatu.


Maz’ abātumwe Hezekiya abākīra neza, abereka mu nzu ah’ abīka ibintu vyiwe vy’igiciro, amafeza n’amazahabu n’imibavu n’amavuta y’igiciro kinini, no mu nzu hose ah’ abīka ivyo kurwanisha, n’ikintu cose co mu vyo atunze cariho. Nta kintu na kimwe co mu ngoro yiwe canke co mu gihugu ciwe cose Hezekiya atāberetse.


Nuk’ uwo musi Hamani asohoka ahimbawe, afise akanyamuneza mu mutima; arikw abonye Moridekayi ku kirimba i bgami, atamuhagurukiye canke ngw amuroresheko n’ijisho, bimutera gushungumirwa cane.


yemwe abahimbarwa n’ikintu kitagira ikimazi, mukavuga, ngo Mbeg’ inkomezi zacu si zo zāduhaye ububasha?


Mbega wogumiza ijisho ku kiriko kirarenga? Kuk’ ubutunzi butobura kumera amababa, Nk’inkukuma iguruka itumbereye mw ijuru.


Nuko Yona ava mur’ ico gisagara, yicara ku ruhande rwaco rw’i burasirazuba; aba ari ho aca agasago, yicara muri ko mu gatūtu, yiteze kurāba amaherezo yaco.


Arikw Imana igera igikogoshi ngo kirye ico kibonobono; buca cākabiranye.


Nk’uk’ umugurano yifuza igitūtu, N’umucangero akarereka ingero yiwe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite