4 Uhoraho aramubaza, ati Mbega k’uratse urtyo, ugize neza?
Har’ ikimbuza kugira uko ngomba mu vyanje? Cank’ ugize ijisho ribi kuko jewe ndi mwiza?
Maz’ Imana ibaza Yona, iti Mbega k’urakijwe urtyo n’ ico kibonobono, ugize neza? Arayishura, ati Ngize neza kugira uburake, mbere bgonyica.
Yemwe bantu banje, nabakoreye iki? Canke nabagoje iki? Ni mukimbarire.
ati Aroni agiye gutāmbūra, ahamvye ababo; ntakigiye mu gihugu nemeye guha Abisirayeli, kuko mwanse kwumvira ijambo ryanje, muri ku mazi y’i Meriba.
Uhoraho abaza Kayini, ati N’iki kikurakije, kandi n’iki gitumye wijiriwe mu maso?
Wirinde, ishavu ryawe ntirihave rigutera kurogota, Kand’ ubginshi bg’incungu ntibugukebanure.
Arikw ivyo bishavuza Yona cane, araraka.
None rero, Uhoraho, ndakwinginze, pfuma unyica, kuko gupfa kundutiye kubaho.
Nuko Yona ava mur’ ico gisagara, yicara ku ruhande rwaco rw’i burasirazuba; aba ari ho aca agasago, yicara muri ko mu gatūtu, yiteze kurāba amaherezo yaco.
Nuko Ahabu arataha ashavuye yijiriwe, kubg’ iryo jambo Naboti w’i Yezireli yamubariye: kuko yamubariye, ati Sinoguha ishamvu ya ba sogokuruza. Nukw aragenda yiryamira ku kirwa, aroresha amaso hirya mu rusika, yanka gufūngura.