Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 None rero, Uhoraho, ndakwinginze, pfuma unyica, kuko gupfa kundutiye kubaho.

Gade chapit la Kopi




Yona 4:3
14 Referans Kwoze  

Mugabo we, agenda urugendo rw’umusi umwe mu bugaragwa, araza yicara musi y’igiti c’umurotemu, yisabira gupfa, at’ Ewe Uhoraho, ivyanje ni bigarukire hano: ntabara unkūreho, kuko ntaruta ba sogokuruza.


Ukuvugwa neza kuruta amavuta atāmirana y’igiciro kinini, kand’ umusi wo gupfa uruta uwo kuvukako.


Hāk’ ungenza urtyo, enda n’upfume unyica, namba ngiriwe akagongwe imbere yawe, kugira ngo noye gupfa nibonye.


Maz’ izuba rirashe, Imana igera umuyaga w’indugumba, ng’ uve i burasirazuba; izuba rinaga Yona mu mutwe, bituma ahinduka urusogosogo, yisabira gupfa, ati Gupfa vyondutira kubaho.


Abo bantu batonganya Mose, baramubarira, bat’ Es’ iyo dupfa ca gihe bene wacu bapfira imbere y’Uhoraho!


Ariko jewe ubganje nta co narwaniye mur’ ivyo: kandi sinandikiye ivyo kugira ngo nkorerwe ntyo. Ivyoba vyiza n’uko nopfuma mpfa, hak’ umuntu ahindura ubusa ivyo vyirato vyanje.


Kand’ amasigarira yose azoba asigaye kur’ uyu muryango mubi azohitamw’ urupfu kuruta kubaho, ni bo bazoba basigaye ahantu hose aho nzoba narabirukaniye, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze.


Uhoraho aramubaza, ati Mbega k’uratse urtyo, ugize neza?


Ntukihutire kuraka mu mutima: kuk’ uburake bgama mu mushaha w’ibipfu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite