Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Asenga Uhoraho, ati Mbega, Uhoraho, si co navuze nkiri mu gihugu cacu? Ni co catuma nshōka mpungira i Tarushishi; kuko namenye k’ur’ Imana y’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.

Gade chapit la Kopi




Yona 4:2
24 Referans Kwoze  

Ariko wewe Mwami, ur’ Imana yuzuye imbabazi, ur’ inyabuntu, Uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi n’ukuri kwinshi.


Uhoraho n’umunyabuntu, yuzuye imbabazi, Ateba kuraka, agira ikigongwe cinshi.


Kuko wewe Mwami, uri mwiza, ugabirije guharira, Kandi wuzuye imbabazi ku bakwambaza bose.


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


maz’ iryo hanga navuzeko ryohindukira rikareka ibibi vyaryo, nanje nzokwigarura ndeke ibibi nari namaramaje kuzobakorera.


Nuk’ Uhoraho arīgarura, areka ivyo vyago yari yavuze gutēza abantu biwe.


Ariko yo, kuko yuzuye imbabazi, iharira ukugabitanya kwabo, ntibahonnye, Mbere kenshi iroresha irya uburake bgayo, Ntikangure uburake bgayo bgose:


Nuk’ Uhoraho aca arīgarura, ati Ntibikibayeho; ni k’Uhoraho yavuze.


Maz’ Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye, bakareka inzira yabo mbi; nukw Imana irīgarura ngo ntibatēze ivyago yari yabagereye, ntiyabibatēza.


Ariko Yona ava hasi ngw ahungire Uhoraho i Tarushishi, ave mu nyonga ziwe. Amanuka i Yopa, abona ubgato buja i Tarushishi: atanga ikibuguro, atambukira muri bgo, ngw ajane n’abagiye i Tarushishi, ave mu nyonga z’Uhoraho.


Mugabo we, agenda urugendo rw’umusi umwe mu bugaragwa, araza yicara musi y’igiti c’umurotemu, yisabira gupfa, at’ Ewe Uhoraho, ivyanje ni bigarukire hano: ntabara unkūreho, kuko ntaruta ba sogokuruza.


Nuk’ Uhoraho aca arīgarura, ati N’ivyo nyene ntibikibayeho; ni k’Umwami Uhoraho yavuze.


Ewe Uhoraho garuka; uzogeza ryari? Ni wīrīmbūre ku vy’ugirira abasavyi bawe.


Maz’ uwo agomvye kwiyerekana nk’ūgororotse, abaza Yesu, ati Mbega mugenzanje ni nde?


Ewe Uhoraho, waranyoheje ndoha, wandushije inkomezi, uranjaniranya: mpindutse agatwengo kurenza umusi, umuntu wese arancokora.


kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ Imana y’inyembabazi, ntizobaheba, ntizobarandura, canke ngo yibagire isezerano yasezeranye na ba sogokuruza, ikabarahira.


Uhoraho yuzuye imbabazi, n’umunyabuntu, Ateba kuraka, agira ikigongwe cinshi;


None rero mutunganye ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, mwumvire Uhoraho Imana yanyu; maz’ Uhoraho azokwigarura areke ibibi yar’ abageneye.


ati Ni mwakomeza kuguma mur’ iki gihugu, azobubaka, ntazobasambura; azobatēragira, ntazobarandura: ngo Kuko yigaruye mu vyago yabateje.


Nta wubizi: kumbure Imana yohindukira, ikīgarura, ikareka uburake bgayo bg’inkazi, ntiduhone.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite