Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Agera ko bamamaza i Ninewe icagezwe ciwe n’ic’ abaganwa biwe, ngo Ntihagire umuntu agira ico atamira, n’ibitunzwe n’uko, vy’amasho n’imikuku, ntihagire ico birya cank’ amazi binywa;

Gade chapit la Kopi




Yona 3:7
6 Referans Kwoze  

Yehoshafati agira ubgoba, aca agira umwete wo kurondera Uhoraho, ashinga umusi wo kwisonzesha mu Buyuda hose.


Maz’ abantu b’i Ninewe bemera Imana, bashinga ngo habeho kwisonzesha, baca bambara amagunira, uhereye k’ūhambaye ugashitsa kuri nyarucari hanyuma y’abandi.


Ewe kuntu amatungo yābagirana! Amasho y’inka aragangaraye, kukw ahebuye ubgatsi; mbere n’imikuku y’intama iragowe.


Maze ntāngāriza aho nyene kur’ urwo ruzi Ahava ivyo kwisonzesha, kugira ngo twicishe bugufi imbere y’Imana yacu, ngo tuyisabe iduhe kugira urugendo rwiza, twebge n’abana bacu n’ ibintu vyacu vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite