7 Agera ko bamamaza i Ninewe icagezwe ciwe n’ic’ abaganwa biwe, ngo Ntihagire umuntu agira ico atamira, n’ibitunzwe n’uko, vy’amasho n’imikuku, ntihagire ico birya cank’ amazi binywa;
Yehoshafati agira ubgoba, aca agira umwete wo kurondera Uhoraho, ashinga umusi wo kwisonzesha mu Buyuda hose.
Maz’ abantu b’i Ninewe bemera Imana, bashinga ngo habeho kwisonzesha, baca bambara amagunira, uhereye k’ūhambaye ugashitsa kuri nyarucari hanyuma y’abandi.
Ewe kuntu amatungo yābagirana! Amasho y’inka aragangaraye, kukw ahebuye ubgatsi; mbere n’imikuku y’intama iragowe.
Maze ntāngāriza aho nyene kur’ urwo ruzi Ahava ivyo kwisonzesha, kugira ngo twicishe bugufi imbere y’Imana yacu, ngo tuyisabe iduhe kugira urugendo rwiza, twebge n’abana bacu n’ ibintu vyacu vyose.