Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’ab’ iki gihe ku musi w’amateka, babatsindishe; kuko bihannye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi rāba, ūruta Yona ari hano.
Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’ab’ uru runganwe ku musi w’amateka, babatsindishe: kuko bihannye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi rāba, ūruta Yona ari hano.
Mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose habe ikoraniro ry’agahebuza; mwa bashingantahe, ni mukoranye ababa mu gihugu bose, baze mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu, mutakambire Uhoraho.
Maze mu mwaka ugira gatanu Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, mu kwezi kw’icenda, abantu bose b’i Yerusalemu n’abantu bose bavuye mu bisagara vy’i Buyuda baja i Yerusalemu, bashinga umusi wo kwisonzeshereza imbere y’Uhoraho.