Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Maz’ abantu b’i Ninewe bemera Imana, bashinga ngo habeho kwisonzesha, baca bambara amagunira, uhereye k’ūhambaye ugashitsa kuri nyarucari hanyuma y’abandi.

Gade chapit la Kopi




Yona 3:5
21 Referans Kwoze  

Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’ab’ iki gihe ku musi w’amateka, babatsindishe; kuko bihannye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi rāba, ūruta Yona ari hano.


Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’ab’ uru runganwe ku musi w’amateka, babatsindishe: kuko bihannye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi rāba, ūruta Yona ari hano.


Mpanga amaso Umwami Imana, kugira ngo niyegurire gusenga no gutakamba, nisonzesha, nambaye amagunira, nīsīze umunyota.


Mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose habe ikoraniro ry’agahebuza; mwa bashingantahe, ni mukoranye ababa mu gihugu bose, baze mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu, mutakambire Uhoraho.


Yehoshafati agira ubgoba, aca agira umwete wo kurondera Uhoraho, ashinga umusi wo kwisonzesha mu Buyuda hose.


Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kand’ ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ ivy’ ukuri.


Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaha, amaze kubūrirwa n’Imana ibitaribgaboneke, akabāza ubgato bgo kurokora abo mu nzu yiwe, kandi ni kwo kwamuhaye gutsindisha abari mw isi, no kuragwa ukugororoka kuzanwa n’ukwizera.


Nuko ni muhūmure, yemwe bagabo, kuko nizeye Imana, yuko bizoba nk’uko nabariwe.


Bama bamushizek’ umutima bose, uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye, bat’ Uyu ni we bga bushobozi bg’Imana bgitwa Ubuhambaye.


Ahamagara Yohanani mwene Kareya, n’abagabisha b’ingabo bose bāri kumwe na we, n’abantu bose uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye,


Maz’ abagabisha b’ingabo bose, na Yohanani mwene Kareya, na Yezaniya mwene Hoshaya, n’abantu bose uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye,


Maze mu mwaka ugira gatanu Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, mu kwezi kw’icenda, abantu bose b’i Yerusalemu n’abantu bose bavuye mu bisagara vy’i Buyuda baja i Yerusalemu, bashinga umusi wo kwisonzeshereza imbere y’Uhoraho.


Kandi ntibazoba bacigishanya, ng’ umuntu wese yigishe mugenzi we, canke ngo yigishe uwo bavukana, ati Menya Uhoraho; kuko bose bazonyimenyera, uhereye kuri nyarucari ugashitsa k’ūhambaye, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko nzoharira ukugabitanya kwabo, kand’ icaha cabo sinzocibuka ukundi.


Maze ntāngāriza aho nyene kur’ urwo ruzi Ahava ivyo kwisonzesha, kugira ngo twicishe bugufi imbere y’Imana yacu, ngo tuyisabe iduhe kugira urugendo rwiza, twebge n’abana bacu n’ ibintu vyacu vyose.


Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.


Nuko Moridekayi amenye ibibaye vyose ivy’ ari vyo, yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara igunira, yisūrirakw iminyota, arasohoka aja mu gisagara hagati, aborogesha ijwi rirenga ry’ umubabaro.


Agera ko bamamaza i Ninewe icagezwe ciwe n’ic’ abaganwa biwe, ngo Ntihagire umuntu agira ico atamira, n’ibitunzwe n’uko, vy’amasho n’imikuku, ntihagire ico birya cank’ amazi binywa;


Nukw Abisirayeli biyambura utugenegene twabo, uhereye bakiva ku musozi Horebu, no mu rundi rugendo rwabo rwose.


Maz’ umwami Hezekiya avyumvise, yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara amagunira, yinjira mu ngoro y’Uhoraho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite