Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yona atangura kuja mu gisagara agenda urugendo rw’umusi umwe; arasemerera, ati Hasigaye imisi mirongwine, Ninewe hagakomvomvorwa.

Gade chapit la Kopi




Yona 3:4
10 Referans Kwoze  

Umuvugishwa azogira ico avuga mw izina ry’Uhoraho, hanyuma ntikibe, ntigishike; ico kizoba kitāvuzwe n’Uhoraho: uwo muvugishwa azoba yahāngāye kucigenera: ntimuze mumutinye.


Maz’ Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye, bakareka inzira yabo mbi; nukw Imana irīgarura ngo ntibatēze ivyago yari yabagereye, ntiyabibatēza.


Uti Kandi ku misi yawe yongeyekw imyaka cumi n’itanu. Uti Kand’ azokurokorana n’iki gisagara, agukūre mu maboko y’umwami w’i Ashuri; uti Kand’ azozigama iki gisagara kubgiwe, no kubg’ umusavyi wiwe Dawidi.


Mur’ iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa. Bukeye ūvugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi aza kuri we, aramubgira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Tunganya ivyo mu rugo rwawe, kuk’ ugira utange, utagikira.


Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’ab’ uru runganwe ku musi w’amateka, babatsindishe: kuko bihannye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi rāba, ūruta Yona ari hano.


Nk’uko Yona yabaye ikimenyetso ku Banyaninewe, ni k’Umwana w’umuntu azoba ku b’iki gihe.


Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’ab’ iki gihe ku musi w’amateka, babatsindishe; kuko bihannye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi rāba, ūruta Yona ari hano.


Ni kubg’ ivyo Uhoraho ashamaje kugira ngw abagirire ubuntu, kandi ni kubg’ ivyo azohaguruka kugira ngw abagirire ikigongwe, kuk’ Uhoraho ar’ Imana ica izibereye; hahirwa abashamaje bamwiteze bose.


ati Ni mwakomeza kuguma mur’ iki gihugu, azobubaka, ntazobasambura; azobatēragira, ntazobarandura: ngo Kuko yigaruye mu vyago yabateje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite