Uti Kandi ku misi yawe yongeyekw imyaka cumi n’itanu. Uti Kand’ azokurokorana n’iki gisagara, agukūre mu maboko y’umwami w’i Ashuri; uti Kand’ azozigama iki gisagara kubgiwe, no kubg’ umusavyi wiwe Dawidi.
Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’ab’ uru runganwe ku musi w’amateka, babatsindishe: kuko bihannye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi rāba, ūruta Yona ari hano.
Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’ab’ iki gihe ku musi w’amateka, babatsindishe; kuko bihannye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi rāba, ūruta Yona ari hano.