Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 2:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Aberekeza umutima ku bitagira ikimazi vy’ibinyoma Baba bataye guharirwa.

Gade chapit la Kopi




Yona 2:8
11 Referans Kwoze  

Nanka abashira imitima ku bitagira ikimazi vy’ibinyoma, Ariko jeho nizigira Uhoraho.


kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.


Bakēngēra amateka yiwe, n’isezerano yasezeranye na ba sekuruza, n’imbūri yababūriye, bagakurikira ibitagira ikimazi, baca bahinduka ba nta kimazi, bīgāna amahanga abakikije, abo Uhoraho yari yarabihanikirije ngo ntibabīgāne.


Ariko bose uko bangana n’ibiyingiyingi n’ibipfu; ukwigisha kw’igishushanyo guhwanye n’igiti buti.


Ntimukikame ngo mukurikire ivy’ impfagusa bidashobora kugira ikimazi canke gukiza, kukw ar’ ubusa gusa.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


Unshayure mw ishayo, sindobere: Nkizwe abanyanka, nkizwe n’amazi maremare.


Itegereze i buryo bganje, urābe ko har’ umuntu ampa ni rwere: Mbuze ubuhungiro; nta muntu ababaye ubugingo bganje.


Ni mwumve, mwa moko yose mwe; tega amatwi nawe wa si, n’ibiri muri wewe vyose! Umwami Uhoraho n’abe icagiriza canyu, Umwami ari mu rusengero rwiwe rwera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite