Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 2:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ndamanuka nja mu mizi y’imisozi; Isi n’ibihindizo vyayo vyanyugaranye ibihe bidashira: Arik’ Uhoraho Mana yanje, wakūye ubugingo bganje muri rwa rwobo.

Gade chapit la Kopi




Yona 2:6
25 Referans Kwoze  

Uhoraho, wadūganye ubugingo bganje, ubukūra i kuzimu: Wankijije urupfu, ngo noye kumanuka nkaja muri rwa rwobo.


Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzokundira Uwera wawe ngw az’ abore.


Ereg’ icatumye ngira umubabaro w’umururazi mwinshi kwar’ ukugira ngo ndonke amahoro; Kand’ urukundo wakunze ubugingo bganje rwātumye ubukiza urwobo rw’ iborero, Kukw ivyaha vyanje vyose wabirengeje inyuma yawe.


Imisozi yarakubonye, irasambagirika; Amazi arahondogana: I bgina humvikanisha ijwi ryaho, Hatarika amaboko yaho.


Arahagarara, agera ubunini bg’isi; Arāba igitsure, amahanga agahinda agashitsi; Imisozi y’intahava irasanzara, Uturambi tw’inyame turanyika; Ajana inzira ziwe za kera.


Ni nde yigeze kugera amazi y’ikiyaga ku rushi, akageresha ijuru itambge ry’intoke, akaronka ingero yokwirwamw’ umukungugu wo kw isi, akagera imisozi ku munzane, n’uturambi ku ngero?


Uhoraho, n’utebuke unyishure; umutima wanje urashiringitira; Ntumpishe mu nyonga hawe; Simmere nk’abamanuka baja muri rwa rwobo.


Aca ku misozi, amanukana imyonga, Ashika mu kibanza wayagereye.


Wayoroshe ikiyaga nk’impuzu, Amazi areremba hejuru y’ imisozi miremire.


Iyo ni yo ishimangirisha imisozi inkomezi zayo, Ikenyeye ubushobozi.


Ariko wewe Mana, ba bandi uzobamanukana muri rwa rwobo rw’amahonero; Abicanyi n’ingunge ntibazocagatiza imisi y’ubugingo bgabo; Ariko jeho nzokwama nkwizigira.


Nti Mbeg’ amaraso yanje azomara iki, ni namanuka nkaja muri rwa rwobo? Non’ umukungugu uzoguhimbaza? Mbeg’ uzokwatura ukuri kwawe?


Imana yacunguye umutima wanje ngo ntuje muri rwa rwobo, Kand’ ubugingo bganje buzokwitegereza umuco.


Ni ho amugirira imbabazi, Ati Murekure, yoye kumanuka ngw aje muri rwa rwobo; Mbonye ikimucungura.


Kuk’ umuriro w’uburake bganje udometswe, Wātse, ugashika hasi i kuzimu, Ugatōngōra isi n’ivyeze kuri yo, Ukadomeka amatanguriro y’ imisozi.


Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.


Ingoyi z’i kuzimu zantaye hagati, Imitego y’urupfu yantanze imbere.


Ingoyi z’urupfu zaranyizingiriyeko, Uburibge bg’i kuzimu bgaramfashe: Mbona ivyago n’umubabaro.


Naravuze, nti Ndakenyutse, ngiye guca mu marembo y’i kuzimu: Natswe imyaka yanje yar’ igisigaye.


ni ho nzokumanurana n’abamanuka baja muri rwa rwobo, usangey’ abāgiye kera, nkugerēre i kuzimu, ahantu hāhebge uhereye kera, hamwe n’ abamanuka baja muri rwa rwobo, kugira ngo ntiwongere kubābgamwo; kand’ icubahiro nzogikomeza mw isi y’abakiriho.


kugira ngo hoye kugira igiti na kimwe co ku nkengēra y’amazi cishira hejuru kubg’ uburebure bgaco ubgaco, canke ngo gitume ubushorishori bgaco bushika mu bicu, canke ngo hagire ibihambaye vyo muri vyo bihagarara vyishimiye uburebure bgavyo, ari vyo vyose bitungwa n’amazi: kuko vyose vyatanzwe ngo bipfe, bije i bgina i kuzimu, bifadikanijwe n’abantu buntu, n’ abamanuka baja muri rwa rwobo.


Ndadobeye mw ishayo imira, idafise aho gushinga ikirenge: Nshitse mu mazi amira, ah’ umukuba undengera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite