Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ndavuga, nti Nciwe mu nyonga zawe; Ariko nzokwongera gutumbera urusengero rwawe rwera.

Gade chapit la Kopi




Yona 2:4
20 Referans Kwoze  

Jeho navuganye ukwihebura, nti Ndarandutse, nkūwe mu nyonga zawe: Ariko weho wumvise ijwi ry’ ukwinginga kwanje hamwe nagutakambira.


Ariko jeho, ubginshi bg’imbabazi zawe buzonyinjiza mu ngoro yawe, Nzokwikubita hasi nsenge nkwubashe, nerekeye urusengero rwawe rwera.


Ereg’ icatumye ngira umubabaro w’umururazi mwinshi kwar’ ukugira ngo ndonke amahoro; Kand’ urukundo wakunze ubugingo bganje rwātumye ubukiza urwobo rw’ iborero, Kukw ivyaha vyanje vyose wabirengeje inyuma yawe.


bakakugarukako n’imitima yabo yose n’ ivyiyumviro vyabo vyose, bari mu gihugu banyagiwemwo, aho bābajanye ar’ inyagano, bakagusenga batumbereye igihugu cabo, ico wahaye ba sekuruza, n’uyu murwa watoranije, n’iyi ngoro nubakiye izina ryawe,


Maze Daniyeli amenye kw ico candiko casinyweko, aja i we; kand’ amadirisha y’inzu yiwe yerekeye i Yerusalemu yama yuguruye; akomeza gupfukama gatatu‐gatatu ku musi, asenga Imana yiwe ayikengurukira, nk’uko yar’ asanzwe abigenza.


Kandi nzobahinda mbirukane mu nyonga zanje, nk’uko nahinze bene wanyu bose, ni bo ruvyaro rwose rwa Efurayimu.


Nukw arambarira, ati Mwana w’umuntu, ayo magufa ni wo muryango wose wa Isirayeli: ehe baravuga, bat’ Amagufa yacu arūmye, n’ivyizigiro vyacu birabuze, turashize rwose.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, umutima wanje ntiwohangaza ubu bgoko: bahinde, bave mu nyonga zanje, bagende.


Ariko Siyoni ho haravuga, hat’ Uhoraho yarampevye, Umwami Imana yaranyibagiye.


nuko nanje nzoherengeteza Abisirayeli mu gihugu nabahaye, kand’ iyi ngoro nejeje kubg’ izina ryanje nzoyishibura imve mu maso; kand’ Abisirayeli bazoba iciro ry’imigani n’agashinyaguro mu mahanga yose;


bakakugarukako n’imitima yabo yose n’ivyiyumviro vyabo vyose, bari mu gihugu c’abansi babo babafashe mpiri, bakagusenga batumbereye igihugu cabo, ico wahaye ba sekuruza, n’uyu murwa watoranije, n’iyi ngoro nubakiye izina ryawe;


(kuko batazobura kwumva ivy’ izina ryawe rihambaye, n’ivy’ ububasha bgawe bukomeye, n’ ivy’ ubushobozi bgawe); nuko ni yaza agasenga atumbereye iyi ngoro,


Ah’ umutima wanje wiheburira muri jewe, nibutse Uhoraho, Ugusenga kwanje kwagushitseko mu rusengero rwawe rwera.


Uhoraho angerera imbabazi ziwe ku murango, No mw ijoro indirimbo yiwe yamana nanje, Ni yo nsengesha Imana y’ ubugingo bganje.


Wanshize mu rwobo rwo hasi, Ahantu h’umwiza i bgina.


Uburake bgawe buranshikamiye, Kandi wambabarishije imipfunda yawe yose. Sela.


Amazi yarandenze ku mutwe; maze ndavuga, nti Ndapfuye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite