Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Maz’ Uhoraho abarira urwo rufi, rudahwa Yona i musozi.

Gade chapit la Kopi




Yona 2:10
18 Referans Kwoze  

Kuko yavuze, bikaba, Yageze, bikaguma.


Uhoraho agera urufi runini ngo rumire Yona. Maze Yona amara mu nda y’urufi imisi itatu n’amajoro atatu.


Mbeg’ aho naza, n’iki catumye ntagira uwo ndahasanga, ngahamagara, ntihagire uwitaba? Mbeg’ ukuboko kwanje kwabaye kugufi ngo kunanirwe gucungura? Canke se nta bubasha mfise bgo kurokora? Ereg’ iyo nkankamiye ikiyaga ndagikamya, inzūzi ndazihindura ubugaragwa; amafi yari muri zo aranuka, kukw ata mazi ariho, yatikijwe n’inyota.


Imana iravuga, iti Ni habeh’ umuco: umuco ubaho.


Avuga ijambo, inzige ziratera, N’inzikira zidaharūrika.


Avuga ijambo, hatera amasinzi y’ibibugu, N’imibu mu gihugu cabo cose.


Imana iravuga, iti Mw itāzānure ry’ijuru ni habeh’ ivyāka vyo gutandukanya umurango n’ijoro; bibēreho kuba ibimenyetso, no kwerekana ibihe, n’imisi n’imyaka:


Imana iravuga, it’ Isi n’imere ivyatsi, n’ibimera vyose vyama utubuto, n’ibiti vyama ivyamwa vyavyo ukw amoko yavyo ari, birimw’ imbuto zavyo, kw isi nyene: biba kuno.


Imana iravuga, it’ Amazi yo musi y’ijuru n’akoranire hamwe, i musozi na ho ni haboneke: biba kuno.


Imana iraritāzānura, itandukanya amazi yo musi y’itāzānure n’ayo hejuru yaryo: biba kuno.


Maz’ ijambo ry’Uhoraho rija kuri Yona ubugira kabiri, riramubarira,


Abaciye bugufi bazorya bahāge, Abarondera Uhoraho bazomuhimbaza: Imitima yanyu irambe ibihe vyose.


Uhoraho, nkiza, Ni co kizotuma turirimba indirimbo zanje tuvugira inanga Turi mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ukubaho kwacu.


Jewe, jewe nyene nd’ Uhoraho; kandi nta wundi Mukiza atari jewe.


Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe.


Mut’ Abashuri si bo bazodukiza; muti Ntituzosimbira ku mafarasi; muti Kandi nta ho tuzokwongera kubarira ivyakozwe n’intoke zacu, ngo Mur’ imana zacu; muti Kuko kuri wewe ari ho impfuvyi zigirirwa imbabazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite