Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Arabishura, ati Nd’ Umuheburayo, nubaha Uhoraho, Imana Nyen’ ijuru, yaremye ikiyaga n’i musozi.

Gade chapit la Kopi




Yona 1:9
29 Referans Kwoze  

Ezira araheza aravuga, ati Ni wewe Uhoraho wenyene nta wundi, ni wewe waremye ijuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, n’ ingabo zose zo kuri yo; waremye n’isi n’ibiri kuri yo vyose, n’ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose, kandi ni wewe ubibeshaho vyose; ingabo zo kw ijuru ziraguhimbaza.


Ni mushime Imana yo mw ijuru, Kukw imbabazi zayo zamah’ ibihe bidashira.


Nuko mmaze kwumva izo nkuru nca nicara ngaho ndarira, mmara imisi mbabaye nisonzesha, nsengera imbere y’Imana Nyen’ ijuru.


ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda.


Nuk’ umwe mu baherezi bari barambukanywe babakūra i Samariya araza, aba i Beteli, abigisha ingene bakwiye gutinya Uhoraho.


Ariko bagitangura kuhaba ntibātinya Uhoraho; ni co catumye Uhoraho abatērēra intambge, zikabīcamwo bamwe.


Haza umwe mu bahunze, abibarira Aburamu Umuheburayo: yaba i ruhande y’ibiti vy’imyeloni vy’Umwamori yitwa Mamure, mwene wabo wa Eshikoli na Aneri; kand’ abo bari bifatanije na Aburamu.


kand’ uburibge bgabo n’ibisebe vyabo bituma barogota ku Mana Nyen’ ijuru, kandi ntibihana ngo bareke ibikorwa vyabo.


Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.


Uwo mwanya isi iratigita, ikigiracumi ca ca gisagara kirasenyuka, ukwo gutigita kwica abantu ibihumbi ndwi, abarokotse baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana Nyen’ ijuru.


Nakebge ku musi ugira umunani, nd’ uwo mu bgoko bga Isirayeli, nd’ uwo mu muryango wa Benyamini, mu Baheburayo nd’ Umuheburayo, ku vyo gushimikira ivyagezwe, nd’ Umufarisayo;


Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje,


bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’ abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabgira ubutumwa bgiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,


maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Maze Satani yishura Uhoraho, ati Mbeg’ ugira ngo Yobu yubahira Imana ubusa?


Nuk’ umwami arambaza, ati Non’ ugomba iki? Nca nsenga Imana Nyen’ ijuru.


Nuko baratwishura, bati Tur’ abasavyi b’Imana Nyen’ ijuru n’isi, kandi turiko turasubira kwubaka ingoro yari yarubatswe kera, ubu hashize imyaka myinshi, iyo umwami ahambaye w’Abisirayeli yari yarubatse akayuzuza.


atabaza abagabo b’abanyarugo, arababarira, at’ Ehe rāba yatuzaniye Umuheburayo wo kudukēngēra! Yaje iyo ndi ngw aryamane nanje, ndaheza ntabaza n’ijwi rirenga:


Hārih’ abākirizi bākīra Abaheburayokazi, umwe yitwa Shifura, uwundi yitwa Puwa: nuk’ umwami wa Egiputa arababarira,


Bukeye bgaho, asubiye kwanduruka, agize artya aseruka ku bagabo babiri b’Abaheburayo barwana: abaza ūsindiye uwundi, ati N’iki gitumye ukubita mugenzawe?


Maz’ i musozi Imana ihita Isi, ikoraniro ry’amazi na ryo iryita Ibiyaga: Imana ibona kw ari vyiza.


Uhoraho, Imana Nyen’ ijuru, umwe yankūra mu nzu ya data no mu gihugu navukiyemwo, akambarira, akandahira, at’ Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu; uyo ni we ubgiwe azotuma umumarayika wiwe akuje imbere, nawe az’ abe ari ho usabira umwana wanje umugeni.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite