Ezira araheza aravuga, ati Ni wewe Uhoraho wenyene nta wundi, ni wewe waremye ijuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, n’ ingabo zose zo kuri yo; waremye n’isi n’ibiri kuri yo vyose, n’ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose, kandi ni wewe ubibeshaho vyose; ingabo zo kw ijuru ziraguhimbaza.
Haza umwe mu bahunze, abibarira Aburamu Umuheburayo: yaba i ruhande y’ibiti vy’imyeloni vy’Umwamori yitwa Mamure, mwene wabo wa Eshikoli na Aneri; kand’ abo bari bifatanije na Aburamu.
Nakebge ku musi ugira umunani, nd’ uwo mu bgoko bga Isirayeli, nd’ uwo mu muryango wa Benyamini, mu Baheburayo nd’ Umuheburayo, ku vyo gushimikira ivyagezwe, nd’ Umufarisayo;
maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.
Uhoraho, Imana Nyen’ ijuru, umwe yankūra mu nzu ya data no mu gihugu navukiyemwo, akambarira, akandahira, at’ Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu; uyo ni we ubgiwe azotuma umumarayika wiwe akuje imbere, nawe az’ abe ari ho usabira umwana wanje umugeni.