Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Nuk’ umukuru w’ubgato aja ah’ ari, aramubaza, ati Wabaye ute ga wa gikazatiro we? Vyuka wambaze Imana yawe; kumbure Imana yodusubizak’ umutima, ntidupfe.

Gade chapit la Kopi




Yona 1:6
18 Referans Kwoze  

Nta wubizi: kumbure Imana yohindukira, ikīgarura, ikareka uburake bgayo bg’inkazi, ntiduhone.


Arabishura, ati Nka ko, umwana akiriho narisonzesheje ndarira, nti Sinzi, kumbure Uhoraho yongirira imbabazi, umwana agakira.


Ni co gituma bivugwa, ngw Ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Maze Paulo aratubaza, ati Mukora ibiki, kurira mundandura umutima? Siniteguye kuboherwa gusa i Yerusalemu, ariko no gupfirayo, kubg’ izina ry’Umwami Yesu.


Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?


riti N’iki gituma mucira uyu mugani mu gihugu c’i Bgisirayeli, ngo Ba se barya inzabibu z’ibitumbge, amenyo y’abana akajiginyurwa?


mukora ibiki, gusekura abantu banje, mugasya impahazwa? ni k’Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, abaza.


Maze batakambira Uhoraho mur’ ayo magorwa yabo, Abakiza amarushwa yabo.


Uko yabica, bābaririza ivyayo, Bakagaruka bakazindukira kurondera Imana.


ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe!


Nuko mwame mugenza murtyo, kuko muzi imisi, yukw igihe gishitse co kwikangura. Non’ agakiza kacu karatwēgereye, kurusha igihe twizereye.


arikw abantu ni bambare amagunira, n’ibitunzwe babiyapfuke, baheze bambaze Imana bakobeje, kandi bahindukire, umuntu wese areke inzira yiwe mbi, bareke n’umuryano uri muri bo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite