Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maz’ Uhoraho asuka umuyaga ukomeye mu kiyaga; haba igihuhuta c’inkomezi mu kiyaga, ubgato bushaka kumeneka.

Gade chapit la Kopi




Yona 1:4
13 Referans Kwoze  

Rāba, Umwe yabumvye imisozi, akarema n’umuyaga, akamenyesha umuntu ivyo yiyumvira, agahindura umutwenzi ukaba umwiza, kand’ agatambagira ku mpinga z’imisozi yo mw isi: izina ryiwe yitwa Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo.


Arandisha ibipfungu bikava ku mpera y’isi; Imvura ayiremera imiravyo; Asokorora umuyaga mu bushinguro bgiwe.


Uhoraho ahindura umuyaga uva i burengerazuba, w’igihuhuta gikomeye cane, utwara za nzige, uzisuka mu Kiyaga Gitukura: ntihasigara na rumwe mu gihugu cose ca Egiputa.


Haza umuyaga uvuye k’Uhoraho, uzana inkware zivuye ku kiyaga, uzirekurira aho bashagaje n’impande zose, gushitsa ahogendwa umusi umwe, zagenda zārāra hejuru y’isi nk’intambge zibiri z’ukuboko uciriye mu nkokora.


Wahuhutishije umuyaga wawe, ikiyaga kirabarengera: Badobera nk’icuma c’isāsu mu mazi ahambaye.


Nuko Mose aramvura ukuboko hejuru y’ikiyaga; Uhoraho ahuhutisha umuyaga mwinshi uvuye i burasirazuba, ukēsha ijoro ryose, usubiza ikiyaga inyuma, amazi ayagabanyamwo kubiri, ahindura ikiyaga ahūmūtse.


Mose atunga ya nkoni yiwe hejuru y’igihugu ca Egiputa, Uhoraho azana umuyaga mur’ ico gihugu uvuye i burasirazuba, wiriza umusi ukesha ijoro; bukeye, uwo muyaga uvuye i burasirazuba uzana inzige.


Igihimbaye Uhoraho cose ni co akora, Mw ijuru no mw isi, mu kiyaga n’i bgina hose.


iy’ ishize ijwi hejuru haba gusūma kw’ amazi yo hejuru; irandisha ibipfungu bikava ku mpera y’isi; iremera imvura imiravyo, kand’ isokorora umuyaga mu bubīko bgayo.


Namwe muriro n’urubura na shelegi n’igipfungu; Nawe muyaga w’igihuhuta, ushitsa ijambo ryiwe;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite