Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ariko Yona ava hasi ngw ahungire Uhoraho i Tarushishi, ave mu nyonga ziwe. Amanuka i Yopa, abona ubgato buja i Tarushishi: atanga ikibuguro, atambukira muri bgo, ngw ajane n’abagiye i Tarushishi, ave mu nyonga z’Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Yona 1:3
35 Referans Kwoze  

n’i Meyarakoni n’i Rakoni no mu ntāra irābana n’i Yopa.


Nuko Kayini ava imbere y’Uhoraho, aba mu gihugu c’i Nodi, ku ruhande rwa Edeni ahahera i burasirazuba.


Kand’ i Yopa hār’ umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka: uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira.


Maz’ amara imisi myinshi i Yopa, kwa Simoni umuhazi w’insāto.


Asenga Uhoraho, ati Mbega, Uhoraho, si co navuze nkiri mu gihugu cacu? Ni co catuma nshōka mpungira i Tarushishi; kuko namenye k’ur’ Imana y’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.


Ni mujabuke muje i Tarushishi; muboroge, mwa baba mu kizinga co mu kiyaga.


Imbūri yo kuri Tiro. Boroga, yemwe māto y’i Tarushishi: kukw i Tiro hageseye, bigatuma ata mazu akiriho, ata n’aho gutaha; izo nkuru bazibgiwe zivuye mu gihugu c’i Kupuro.


Eliya aca aterwa n’ubgoba, akūra hasi, arahunga ngw akize amagara, aja i Beri‐sheba h’i Buyuda, ahasiga umuntu wiwe.


Bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira, kuva mu nyonga h’Umwami no mu bgiza bg’ubushobozi bgiwe,


Iyo mvuga ubutumwa, singira ico nirata; kuko mfise ikingōbēra: ntavuze ubutumwa nobona ibara.


Nuko, mwami Agiripa, sinanka kwumvira ivyo neretswe vyavuye mw ijuru.


Ab’i Tarushishi bādandaza nawe kubg’ ibitayega vy’ubutunzi bgawe bg’uburyo bginshi; amafeza n’ivyuma n’amabati n’amasāsu ni vyo bākāba ivyawe.


Sendanisha mu gihugu cawe nk’uko Nili rusendanisha, wa mukobga w’i Tarushishi, kukw ata kikikubujije.


Uhoraho yishura Satani, at’ Eh’ ivy’ afise vyose biri mu kuboko kwawe; ariko we ku mutumba wiwe ntuz’ umukoreko. Nuko Satani aca arasohoka, ava imbere y’Uhoraho.


natwe tuzohumbira ibiti i Lebanoni, ivy’ uzogomba vyose; tuzobikurungikira tubitēkeye imbambo, tubicishe mu kiyaga bishike i Yopa; nawe uz’ ubidūganishe i Yerusalemu.


Ariko Paulo ntivyamubera vyiza kujana uwabataye i Pamfiliya, ntajane na bo mur’ ico gikorwa.


Ariko Yesu aramubgira, ati Nta muntu afashe isuka irimishwa n’inka, arāba inyuma, abereye ubgami bg’Imana.


Nuko Mpwemu aranterura, aranjana; ngenda nshavuye, nitonganya; arik’ ukuboko kw’Uhoraho kwari kunshikamiye.


N’ababa ku kiyaga banyiteze, amāto y’i Tarushishi ni yo abītangiye imbere, azanye abahungu bawe abakūye kure, bazanye ifeza zabo n’ izahabu kubg’ izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, Uwera w’Abisirayeli, kuko nakwubahirije.


no ku māto yose y’i Tarushishi, no ku bishushanyo vyose binezereza.


Nuko Satani aca arasohoka, ava imbere y’Uhoraho, atēza Yobu ibihute bikomeye uhēreye mu bgōro bg’ikirenge ugashitsa mu gitwariro.


Ashitseyo, yinjira mw isenga, abaho; maz’ ijambo ry’Uhoraho rimuzako, riramubaza, rit’ Ukora iki hano ga Eliya?


Bumva ijwi ry’Uhoraho Imana agendagenda mur’ iryo tongo mu gihe c’akayaga ko ku kagoroba: uwo muntu n’umugore wiwe binyegeza mu biti vyo mur’ iryo tongo, ng’Uhoraho Imana ntababone.


Kandi kukw i Luda hāri hafi y’i Yopa, abigishwa, bumvise ko Petero ari yo ari, bamutumakw abantu babiri, bamwinginga, bati Ntutebe kudushikīra.


Bimenyekana i Yopa hose, benshi bizera Umwami Yesu.


Kandi bagerera abubatsi n’ababaji amahera, ab’i Sidoni n’ab’i Tiro babagerera ivyo kurya n’ibinyobga n’ amavuta, kugira ngo bazane ibiti vy’amasederi, babikūre i Lebanoni babizane ku kiyaga babishikane i Yopa, bakurikiye ibgirizwa ryashinzwe na Kuro Umwami w’i Buperesi.


Abamanuka baja mu kiyaga bakagendera mu māto, Bakadandariza mu mazi agaranzutse,


Bakoresha ifeza zātabatabge zavuye i Tarushishi, n’izahabu zavuye i Ufazi, ibikorwa vy’umuhinga, n’ivy’ amaboko y’umucuzi w’izahabu; bavyambika impuzu z’amasufe n’iz’ inyambarabami; vyose n’ibikorwa vy’abahinga.


Maz’ abo bantu bafatwa n’ubgoba bginshi, baramubaza, bat’ Ivyo ukoze ibi n’ibiki? Kukw abo bantu bāri bamenye kw ahunze Uhoraho, kuko yari yabibabgiye.


None rero za ngano na sayiri n’amavuta ya elayo na vino, ivyo wavuze, nyakwubahwa, uz’ ubiturungikire,


Kuk’ umwami yar’ afise amāto aja i Tarushishi, ajanwa n’abantu ba Huramu; ukw imyaka itatu ishize, ayo māto y’i Tarushishi yagaruka azanye amazahabu n’ amafeza n’amahembe y’inzovu n’ inkima n’ibisīga vyitwa tawusi.


Ariko weho, mwana w’umuntu, ni wumve ico nkubgira; ntube umugarariji nk’ iyo nzu y’abagarariji: asamika akanwa kawe, maz’ ico nguha ukirye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite