2 riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire; kukw ivyaha vy’abaho vyarundanye, bigashika imbere yanje.
Yāgāmba ico gihugu, ashika muri Ashuri, yubaka i Ninewe n’i Rehobot‐Iru n’i Kala,
Imbūri yo kuri Ninewe. Igitabo c’ivyo Nahumu Umwelekoshi yeretswe.
none jewe sinari nkwiye kugirira ikibabarwe Ninewe, ico gisagara kinini, kirimw’ abantu ibihumbi ijana na mirongwibiri basāga, batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso; hakabamwo n’ibitunzwe vyinshi?
riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire imbūri nzokubgira.
Semerera cane, woye kwigarura; rangurura ijwi ryawe nk’inzamba, ubarire abantu banje ibicumuro vyabo, n’inzu ya Yakobo ivyaha vyabo.
Kukw ivyaha vyiwe vyārundanijwe bigashika kw ijuru, kand’ Imana yibutse ukugabitanya kwiwe.
Nuko Senakeribu umwami w’i Ashuri aca arataha, asubira inyuma, aja kuba i Ninewe.
Ariko jeho nuzuye ubushobozi n’ ukuroranya n’inkomezi, mbihawe na Mpwemu w’Uhoraho, kugira ngo mmenyeshe Yakobo igicumuro ciwe, Isirayeli ndamumenyeshe icaha ciwe.
Nuk’ uz’ ubabarire amajambo yanje, bovyumva batovyumva; kukw ar’ abagarariji.
ndavuga, nt’ Ewe Mana yanje, isoni ziriko zirammwa, mu maso hanje hāhīndānye, bimbuza kukwunamurirakw amaso, Mana yanje, kukw ibigabitanyo vyacu bigwiriye, bikaba umurengera, ivyo twakoze biradutsinze, vyarundanye bigera mw ijuru.
Eh’ ingero z’abashwabuzi bābashwaburiye imirima, izo mwabagunze, zirataka: amaborogo y’abābashwaburiye yinjiye mu matwi y’Uhoraho Nyen’ ingabo.
Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampōra, muzoba ikimenyetso kibabere icabona, bo n’abanyamahanga.
Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’ab’ uru runganwe ku musi w’amateka, babatsindishe: kuko bihannye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi rāba, ūruta Yona ari hano.
Iyo mvuze, nti Sinzosubira kumuvuga, canke ngo ngire ico mvuga mw izina ryiwe, haca haba nk’umuriro uyingana mu mutima wanje, uhīshije uburimbi amagufa yanje, bikangora kwiyumanganya, nkaba ntobishobora.
Kandi mu mitima yabo ntibiyumvira yuko nibuka ivyaha vyabo vyose; noneh’ ibikorwa vyabo bibataye hagati, kandi biri mu nyonga zanje.
Nuko Yona ava hasi aja i Ninewe, nk’ ukw ijambo ry’ Uhoraho rivuze. Kandi Ninewe car’ igisagara kinini c’agahebuza, kugikikuza rwar’ urugendo rw’ imisi itatu.
Ariko hāriy’ ūvugishwa n’Uhoraho yitwa Odedi; aragenda aja gusanganira izo ngabo zihindukiye i Samariya, arababarira, at’ Ereg’ icātumye Uhoraho Imana ya ba sogokuruza agabura Abayuda mu maboko yanyu n’uko yar’ abarakiye, ariko mwebge mwabicanye ishavu ryinshi rishika mw ijuru.
Uruguma rwawe nta kōyōkwe rugira; igikomere cawe ntikizokira: abumvise inkuru zawe bose bakubita amashi ku yandi; mbega ni nde utāhora ugirira nabi?