16 Maz’ abo bantu baca batinya Uhoraho bihebuje; bamuha ikimazi, bamusezeranira amasezerano.
Ni batange ibimazi vyo gukenguruka, Bakwize ibikorwa vyiwe mu kuvuza impundu.
Uz’ ushikanire Imana ikimazi co gukenguruka; Īsumba vyose uyishitsekw amasezerano yawe.
Maze Nowa yubakira Uhoraho igicaniro, yābīra mu bitungano vyose no mu bikōko vyose bitazira, no mu biguruka vyose bitazira, abitangira kur’ ico gicaniro kw ibimazi vyo kwoswa.
Ishengero ryose n’abavyumvise bose baterwa n’ubgoba bginshi.
Busa n’akabuto ka sinapi, iyo gatewe mw ivu, nah’ ari kanzinya hanyuma y’imbuto zose ziri mw isi;
Maz’ abo bantu bafatwa n’ubgoba bginshi, baramubaza, bat’ Ivyo ukoze ibi n’ibiki? Kukw abo bantu bāri bamenye kw ahunze Uhoraho, kuko yari yabibabgiye.
Nshinze icagezwe ngo mu bgami bganje iyo buva bukagera, abantu bahindire agashitsi imbere y’Imana ya Daniyeli, bayubahe: kukw iyo ari yo Mana nzima, ihora ihangamye ibihe vyose; ubgami bgayo ntibuzokwigera buhangūra, kand’ ingoma yayo izoshika no kw iherezo.
Nakwifurishije umutima wanje mw ijoro; mbere nzokurondeza umushaha wanje wose ubudahumeka; kukw iy’ imanza zawe ziroranye ziri mw isi, ababa mw isi biga kugororoka.
Ni wasezerana isezerano ku Mana, ntutebe kurishitsa; kukw idahimbarwa n’ibipfu: ushitse ico wasezeranye.
Uhoraho nzomushitsakw amasezerano yanje, Mbere nzoyashitsa mu maso y’abantu biwe bose.
Maze Namani aramubarira, ati K’utavyemeye, ndasavye ni bampe ivu ryotwarwa n’inyumbu zibiri, kuk’ uhereye none ata kimazi nzokwosereza izindi mana canke ngo ndazihe ikindi kimazi ic’ ari co cose, atar’ Uhoraho wenyene.
Uwo mumarayika w’Uhoraho aramwishura, ati Nah’ umpagaritse nta co ndiburye ku vyo kurya vyawe; ariko namb’ ugomba kubāga ikimazi co kwosa, ugishikanire Uhoraho. Ariko Manowa ntiyaribgamenye kw ar’ umumarayika w’Uhoraho.
Yakobo asezerana isezerano, at’ Imana ni yabana nanje, ikanzigamira mur’ uru rugendo ndimwo, ikampa ivyo kurya n’ivyo kwambara,
Ni co catumye batakambira Uhoraho, bati Turakwinginze, ewe Uhoraho, twoye gupfa tuzira ubugingo bg’uyu muntu, kandi ntuduharūrekw amaraso y’ūdafise igicumuro, kuko wewe, Uhoraho, ukoze ico ugomvye.
Ni co gituma abantu bayubaha; Nta ho ishira umutima ku muntu n’umwe yīgize umunyabgenge.
muti Mbega nta n’ukuruha mumutinya? ni k’Uhoraho abajije; muti Nta guhindira agashitsi imbere yiwe, kand’ ari we yashinze umusenyi ng’ ubere ikiyaga akarimbi, ni co cagezwe kizokwamaho, ngo ntikikarēngāne? Mbere nah’ imipfunda yaco yosuriranya, ntiyowutsinda; naho yobomborana, ntiyowurēngāna.