11 Baramubaza, bati Tukugire dute, ngw ikiyaga kitureke, kibe agahwekere? Kukw ikiyaga ciyongeranya gusuriranya.
Maz’ abo bantu bafatwa n’ubgoba bginshi, baramubaza, bat’ Ivyo ukoze ibi n’ibiki? Kukw abo bantu bāri bamenye kw ahunze Uhoraho, kuko yari yabibabgiye.
Arabishura, ati Ni munterure, munte mu kiyaga, ni ho ikiyaga cobabera agahwekere; kuko nzi yukw iki gihuhuta c’inkomezi kibahōra jewe.