Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yona 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Maz’ abo bantu bafatwa n’ubgoba bginshi, baramubaza, bat’ Ivyo ukoze ibi n’ibiki? Kukw abo bantu bāri bamenye kw ahunze Uhoraho, kuko yari yabibabgiye.

Gade chapit la Kopi




Yona 1:10
8 Referans Kwoze  

Ariko Yona ava hasi ngw ahungire Uhoraho i Tarushishi, ave mu nyonga ziwe. Amanuka i Yopa, abona ubgato buja i Tarushishi: atanga ikibuguro, atambukira muri bgo, ngw ajane n’abagiye i Tarushishi, ave mu nyonga z’Uhoraho.


Mber’ Imana izomurasa ntimuzigurize, Azokwifuza guhunga ngw ave mu maboko yayo.


Nuko Pilato yumvise iryo jambo, arushiriza gutinya;


Yowabu yishura umwami, at’ Uhoraho Imana yawe n’igwiririkanye abantu, barute uko bari basanzwe bangana ibihetangabo ijana, nawe uz’ uvyibonere mugenzi; ariko mbega n’iki kiguteye gushira umutima ku kintu nk’ico ga mwami wanje nyen’ ingoma?


Maze Yosuwa aravuga, ati N’iki catumye udutēza amagorwa? Nawe uyu musi Uhoraho aragutera amagorwa. Maz’ Abisirayeli bose bamutera amabuye; babicisha amabuye, barabaturira.


Baramubaza, bati Tukugire dute, ngw ikiyaga kitureke, kibe agahwekere? Kukw ikiyaga ciyongeranya gusuriranya.


Uhoraho Imana abaza uwo mugore, at’ Ico wakoze ico n’igiki? Uwo mugore aramwishura, at’ Inzoka yampenze, ndabirya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite