1 Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yona mwene Amitayi, riramubgira,
Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’ab’ iki gihe ku musi w’amateka, babatsindishe; kuko bihannye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi rāba, ūruta Yona ari hano.
Mugabo asubiza urubibe rw’i Bgisirayeli aharwo, uhereye ahafata i Hamati ugashitsa ku kiyaga co mu kiyaya Araba, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho Imana y’Abisirayeli ryavuze, iryo yavugiye mu musavyi wiwe Yona mwene Amitayi w’i Gati‐heferi, uwo yavugisha.
Ab’ igihe kibi c’ubumaka barondera ikimenyetso, kandi nta kimenyetso bazohabga, atar’ ikimenyetso ca Yona. Abasigaho, arīgīra.
Intambge irīvuze, none ni nde atotinya? Umwami Uhoraho aravuze, none ni nde atovugishwa?
Maz’ ijambo ry’Uhoraho rija kuri Yona ubugira kabiri, riramubarira,