Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 9:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nukw ababanyi biwe, n’abāhora bamubona kw ar’ umusēzi, barabazanya, bati Mbeg’ uyu si we yahora yicaye asēgerereza?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ababanyi biwe n’abari bamuzi ari impumyi isegerereza barabaza bati: “Mbega uwu si wa muntu yahora yicara asegerereza?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 9:8
9 Referans Kwoze  

Ni we akūra umugorwa mu mukungugu, Agashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu, Kugira ngw abicarikane n’ abahambaye, Baragwe intebe z’icubahiro: Kukw inkingi z’isi ar’ iz’ Uhoraho, Kandi ni zo yayiteretseko.


Ageze hafi y’i Yeriko, hār’ impumyi yicaye i ruhande y’inzira, isēgerereza.


Nuko bashika i Yeriko: akivana i Yeriko n’abigishwa biwe n’ishengero ryinshi, mwene Timayo yitwa Barutimayo, umusēzi w’impumyi, yari yicaye i ruhande y’inzira.


Abantu ba Akishi baramubarira, bat’ Uyu si Dawidi umwami wa ca gihugu? Si we bāvyinira bitabiriza, bati Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yica ibihumbi indiri?


Nuko bompi barajana kurinda bashika i Betelehemu. Nuko rero bashitse i Betelehemu abo mu gisagara bose barashwabāduka, abagore barabazanya, bati Mbeg’ uyo yoba Nawomi?


Ababanyi biwe n’incuti ziwe bumva yuk’ Umwami Imana yamugiriye imbabazi nyinshi, banezeranwa na we.


Abandi bati Ni we; abandi bat’ Oya, n’uwo basa. Na we arababgira, ati Ni jewe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite